Ubutumwa bwo kwihana

Bagabo Bene Data,namwe Bashiki bacu,n’ibu muracahanz’amaso Arusha?Amazina 33 y’abatumiwe mu biganiro,mwarayasomye,abitavye n’abatitavye,nta zina rya Yesu Kristo ryarimwo!Muzogeza ryari guhang’amaso abantu nkamwe kandi Arab’inyama n’amaraso?Ndabinginze cane kubw’imbabazi z’Imana nzima,muze twihane,duhindukirire Imana yonyene,uwusambana ni yihane,uwiba n’abivemwo,imborerwa,ni mwihane,abaraguza mwihane,abendana muhuje ibitsina mwihane,abisambanya mwihane,abakorora inda mwihane,abagunga mwihane,abagendan’ibiheko mubiturire,canke murabe Abakozi b’Imana babafashe,abafis’ivyo mwapfuye,musabane imbabazi,tuve i buzimu tuj’i buntu,twihane twiyegurir’Imana Rurema,yemwe mwese abagiz’ububi ubuzima,ni mwihane muhindukire turirir’Imana Idutabare mu gushits’amasezerano yayo!Muvyanka canke muvyemera,nta Mkapa,Museveni,ONU,U.A,Obama Trump,Papa,Umukuru n’umwe cank’umugambwe n’umwe(abo bose nabo bararushe n’imitwaro yabo), bazoshobora ivy’iki Gihugu,ndabarahiye Uguhoraho kw’Uhoraho,ni NDIHO wenyene azodutabara.Simvuze nk’umunyepolitique,ahubwo mvuze nk’Umukozi w’Imana,nabwiwe vyinshi,ushaka kwihana,kwatura canke gusengerwa,canke ikiyago,wonsanga inbox,Murakoze cane Imana Ibampere Ugutahura n’Umugisha uva mu Nyonga zayo,Murakoze,ni Rev.Pasteur Paul