MWIRINDE ABASUMA N’ABAMBUZI BASHOBORA KWIYITIRIRA ABISEZERANO NKA ACHIL ARIEL SABUKWIGURA

MWIRINDE ABASUMA N’ABAMBUZI BASHOBORA KWIYITIRIRA ABISEZERANO.
Uwuramvye arabona. Kubera inzara izura inzara n’ubukene bw’ubujora bwabaye ndanse mu burundi ba mpemuke ndamuke babaye benshi mu Burundi. Ni nako haguma hiyerekana ba Mpema yuzuye benshi batanga benewabo na bene burundi ngo bicwe atacamira.
Ubu naho hubutse uturwi twabasuma bikinga ukutamenya kwabantu bamwebamwe bakiyitirira abisezerano maze bagasahura bene burundi mu kubanyaga utwo bafise ngo bariko barabaka intererano.

Kandundura ni umugambanyi yiswe Ariel Achille Sabukwigura kuva aho yicishije Pasteur Fidele Nkeshimana na Hatungimana Joshua abantu benshi bazi mubisezerano yaciye atangura kuvuga yuko ariwe arongoye urwego rwa politike n’urwego rw’ingabo z’abisezerano kugira ngo akunde abasahure kandi yibishe izina ryabo.

Uyo mwangushi mubona ngaho kwifoto agenda arabesha abarundi hamwe avuga yuko aba ikiriri ahandi akavuga yuko aba mu ngagara abwira abanutega amatwi yuko ari yari umwigisha muvyagisirikare muri FPR-inkotanyi zo mu Rwanda no M23 muri Congo. Ubu yagiye gutembera yarya haruguru ya Uvira aho aterefonera ababo ashaka gusahura ababwira ngo yaserukiye abisezerano I Arusha mubiganiro vyamahoro. Ico kinyoma kikaba kitamutera iteka ahubwo kimwambika iceyi gusumba.

Ni muri ubwo bukozi bwikibi nyene yagerageje kwegera Aloise Nzabampema mukugerageza guhamagara hirya no hino ngo akunde ajuragize ibintazi. Uyo Ariel Achille rero ahagarara I buvira atelefona igiti n’inyoni kumusozi, mu mpunzi no mubanyororo yicishije abari mwisezerano Pasteur Fidel Nkeshimana, Joshua Hatungimana n’abandi benshi abatanze mw’iperereza ryi bujumbura mumwirinde. Ntakizokorerwa mu kinyegero nakimwe kizogenda kidashizwe ahabona kubwo urukundo Imana yo mwijuru ikunda ihanga ryayo ry’abarundi.

Twagomba rero dukebure uwisezerano aho ari hose yumire kw’isezerano yahawe nico yabariwe kuri uru rugendo turimwo. Reka kandi tuvunire akagohe umuntu wese yaje kwifatanya n’abisezerano abangikanije yuko uru rugendo twahisemwo rwo kugendana n’Imana atari imikino na politike kandi yuko atari ibinanga. Imana irahambaye kandi abagomba kugendana nayo babikora mukuri no mu Mpwemu. Indongozi mwihanga ry’Imana kuva ku mitumba ya rusansuma gushika ku rwego rwigihugu murazizi ntizihinduka co kimwe nindongozo mubadiakoni no muvyo impwemu murabazi ntibahinduka, ntihazogire imbunuza canke umwangushi abatesha intumbero canke ngo abasahure utwanyu ngo abasavye intererano canke se ngo abicishe mukubatanga kuri abo bicanyi yitwaje ubugunge n’ububeshi.

Tuzohora tubamenyesha abasuma n’abambuzi baba abinyegeza mw’Ihanga ry’Imana, baba imburakimazi zoshobora kurwa mumutego wuwo mwangushi kubera udufaranga bahabwa kugira ngo bahekure abana b’uburundi. Inzara nivyo iraryana kandi ubukene burababaza cane ariko hahirwa uwihangana gushika kwiherezo.

Ni Dusanrwe Imana Uburundi n’Isezerano.

http://www.abisezerano.com