WAME USHIMIRA IMANA

WAME USHIMIRA IMANA
Habaye umwigeme w’impumyi yashavuzwa cane n’ukuba ari impumyi. Uwo mwigeme yanka abantu bose kiretse umusore umwe yamukunda cane. Uwo musore yama iruhande ya wa mwigeme amufasha yongera amuhoza.

Wa mwigeme abwira wa musore ati:  » Hamwe nosubira kubona, noca nkwemerera tukubakana ».

Umunsi uri izina, wa mwigeme aronka ingabire y’amaso abiri. Bamukuyeko ibitambara vyari bimupfutse mu maso, aca abona ibimukikije vyose, harimwo na wa musore yamukunda. Uwo musore aca abaza wa mwigeme ati:  » Ubu none ko ubona, wonyemerera tukubakana? » Wa mwigeme aravye wa musore asanga ni impumyi, ntiyashobora no kwihangana abonye ibigohe vy’amaso ya wa musore bifatanye. Ntiyari yiteze ko umusore amukunda ari impumyi. Yiyumviriye ko ubuzima bwiwe bwose azoguma abona ibigohe vy’uwo musore vyugaye, yaciye amuheba, ararahira arumumya ko

adashobora kwubakana na we.

Wa musore amosozi amutanga hasi, ava hasi

aragenda. Haheze iminsi mikeyi,

wa musore yandikira ikete wa mwigeme

amubwira ati: » Mukobwa nakunze, ayo

maso yawe urayabungabunga kuko imbere

yuko aba rwawe yari rwanje. »

Nguko uko ubwenge bw’abantu bukora iyo

ibintu bihindutse bakamererwa neza.

Ni abantu bake cane bibuka iyo bavuye,

bakibuka n’ababagarukiyeko igihe

bari bagowe.

UBUZIMA NI INGABIRE

Kuri uwu munsi uri hejuru, imbere yuko

uvuga ijambo ritaroranye, uribuka

ikiragi kidashobora kuvuga n’ijambo na

rimwe.

Imbere yo kwinenaguza indya ngo

ntiziryoshe, ibuka urya muntu ataronse na

dukeyi afungura.

Imbere yo kwidogera umugabo wawe canke

umugore wawe, ibuka urya muntu ariko

aratakambira Imana ngo imuhe uwo

bubakana.

Kuri uwu munsi uri hejuru, imbere yo

kwidogera ubuzima urimwo, ibuka urya

muntu Imana yahamagaye akiri muto.

Imbere yo kwidogera urvyaro rwawe, ibuka

urya muntu yipfuza ibibondo atari

bubironke kubera ukutavyara.

Imbere yo kurakara ngo inzu yawe ntikubuye,

ibuka barya bantu bose batagira

aho baba barara rubunda mu mabarabara.

Imbere yo kwijogota ngo wagenze urugendo

rurerure n’imodokari, ibuka urya

wundi muntu ahagenda n’amaguru.

Ni wumva urushe kubera akazi wakoze,

imbere yo kwidoga uribuka birya

bishomeri bitagira akazi, barya bamugaye

badashobora gukora na barya

bipfujije akazi nkako kawe ariko

ntibakaronke.

Imbere yo gutunga urutoke mugenzawe

umwagiriza ibi na biriya, uribuka ko

ata n’umwe ari umutagatifu kuri iyi si kandi

ko twese tuzocirwa urubanza

n’UWATUREMYE gusa.

Ukaramuka usagirijwe n’ivyiyumviro bigutera

kwihebura, uragumana akamwemwe

mu maso, ushimire imana ko ukiriho.

Imbere yo gusezera, rungikira ubu butumwa

abandi bantu cumi, harimwo

n’uwabukurungikiye.

IMANA IGUHEZAGIRE