WAME USHIMIRA IMANA
Habaye umwigeme w’impumyi yashavuzwa cane n’ukuba ari impumyi. Uwo mwigeme yanka abantu bose kiretse umusore umwe yamukunda cane. Uwo musore yama iruhande ya wa mwigeme amufasha yongera amuhoza.
Wa mwigeme abwira wa musore ati: » Hamwe nosubira kubona, noca nkwemerera tukubakana ».
Umunsi uri izina, wa mwigeme aronka ingabire y’amaso abiri. Bamukuyeko ibitambara vyari bimupfutse mu maso, aca abona ibimukikije vyose, harimwo na wa musore yamukunda. Uwo musore aca abaza wa mwigeme ati: » Ubu none ko ubona, wonyemerera tukubakana? » Wa mwigeme aravye wa musore asanga ni impumyi, ntiyashobora no kwihangana abonye ibigohe vy’amaso ya wa musore bifatanye. Ntiyari yiteze ko umusore amukunda ari impumyi. Yiyumviriye ko ubuzima bwiwe bwose azoguma abona ibigohe vy’uwo musore vyugaye, yaciye amuheba, ararahira arumumya ko
adashobora kwubakana na we.
Wa musore amosozi amutanga hasi, ava hasi
aragenda. Haheze iminsi mikeyi,
wa musore yandikira ikete wa mwigeme
amubwira ati: » Mukobwa nakunze, ayo
maso yawe urayabungabunga kuko imbere
yuko aba rwawe yari rwanje. »
Nguko uko ubwenge bw’abantu bukora iyo
ibintu bihindutse bakamererwa neza.
Ni abantu bake cane bibuka iyo bavuye,
bakibuka n’ababagarukiyeko igihe
bari bagowe.
UBUZIMA NI INGABIRE
Kuri uwu munsi uri hejuru, imbere yuko
uvuga ijambo ritaroranye, uribuka
ikiragi kidashobora kuvuga n’ijambo na
rimwe.
Imbere yo kwinenaguza indya ngo
ntiziryoshe, ibuka urya muntu ataronse na
dukeyi afungura.
Imbere yo kwidogera umugabo wawe canke
umugore wawe, ibuka urya muntu ariko
aratakambira Imana ngo imuhe uwo
bubakana.
Kuri uwu munsi uri hejuru, imbere yo
kwidogera ubuzima urimwo, ibuka urya
muntu Imana yahamagaye akiri muto.
Imbere yo kwidogera urvyaro rwawe, ibuka
urya muntu yipfuza ibibondo atari
bubironke kubera ukutavyara.
Imbere yo kurakara ngo inzu yawe ntikubuye,
ibuka barya bantu bose batagira
aho baba barara rubunda mu mabarabara.
Imbere yo kwijogota ngo wagenze urugendo
rurerure n’imodokari, ibuka urya
wundi muntu ahagenda n’amaguru.
Ni wumva urushe kubera akazi wakoze,
imbere yo kwidoga uribuka birya
bishomeri bitagira akazi, barya bamugaye
badashobora gukora na barya
bipfujije akazi nkako kawe ariko
ntibakaronke.
Imbere yo gutunga urutoke mugenzawe
umwagiriza ibi na biriya, uribuka ko
ata n’umwe ari umutagatifu kuri iyi si kandi
ko twese tuzocirwa urubanza
n’UWATUREMYE gusa.
Ukaramuka usagirijwe n’ivyiyumviro bigutera
kwihebura, uragumana akamwemwe
mu maso, ushimire imana ko ukiriho.
Imbere yo gusezera, rungikira ubu butumwa
abandi bantu cumi, harimwo
n’uwabukurungikiye.
IMANA IGUHEZAGIRE