MWIRINDE ABASUMA N’ABAMBUZI BASHOBORA KWIYITIRIRA ABISEZERANO NKA ACHILE ARIEL SABUKWIGURA, Saburonka akiyita na Sabushimike MUBONA AHO KWIFOTO
.
Uwuramvye arabona. Kubera inzara izura inzara n’ubukene bw’ubujora bwabaye ndanse mu burundi ba mpemuke ndamuke babaye benshi mu Burundi. Ni nako haguma hiyerekana ba Mpema yuzuye benshi batanga benewabo na bene burundi ngo bicwe atacamira.
Ubu naho hubutse uturwi twabasuma bikinga ukutamenya kwabantu bamwebamwe bakiyitirira abisezerano maze bagasahura bene burundi mu kubanyaga utwo bafise ngo bariko barabaka intererano y’umuhari. Ahandi naho bakabahendesha udufaranga banyonoye hirya no hino maze bakabashora kwicumu.
Kandundura ni umugambanyi yiswe Ariel Achille Sabukwigura kuva aho yicishirije Pasteur Fidele Nkeshimana na Hatungimana Joshua abantu benshi bazi mubisezerano yaciye atangura kuvuga yuko ariwe arongoye urwego rwa politike n’urwego rw’ingabo z’abisezerano kugira ngo akunde abasahure kandi yibishe izina ryabo. Ukamengo abisezerano nta nzego zikwije bafise.
Uyo mwangushi mubona ngaho kwifoto agenda arabesha abarundi hamwe akavuga yuko aba ikiriri ahandi akavuga yuko aba mu ngagara abwira abamutega amatwi yuko yari umwigisha muvyagisirikare muri FPR-inkotanyi zo mu Rwanda no M23 muri Congo. Ubu yagiye gutembera harya haruguru ya Uvira aho aterefonera ababo ashaka gusahura ababwira ngo yaserukiye abisezerano I Arusha mubiganiro vyamahoro. Ico kinyoma kikaba kitamutera iteka namba ahubwo kimwambika iceyi gusumba kuko abarundi bose barazi abagiye mu biganiro i Arusha.
Ni muri ubwo bukozi bwikibi nyene uwo SABUSHIMIKE ACHIL ARIEL yagiye kwegera Aloise Nzabampema mukugerageza guhamagara hirya no hino ngo akunde ajuragize ibintazi. Uyo Ariel Achille rero ahagarara I buvira atelefona igiti n’inyoni kumisozi,mugihugu, mu mpunzi no mubanyororo abahenda ngo niwe arongoye umuhari abisezerano. Yicishije abari mwisezerano Pasteur Fidel Nkeshimana, Joshua Hatungimana n’abandi benshi abatanze mw’iperereza ryi bujumbura ubonako ari umukozi wiryo Perereza kuva kera, ivyo bigatuma asiga urubwa ubwoko bw’imana ngo bukorana n’iperereza kandi ico gihemu nyene kitari mu b’Isezerano. Muhamagariye mwese kumwirinda ahubwo mumwigishe umugambi w’Imana canke mumushishikirize inzego z’abisezerano.
Ntakizokorerwa mu kinyegero nakimwe kizogenda kidashizwe ahabona kubwo urukundo Imana yo mwijuru ikunda ihanga ryayo ry’abarundi.
Twagomba tubonereho aka kanya rero dukebure uwisezerano aho ari hose yumire kw’isezerano yahawe nico yabariwe kuri uru rugendo turimwo. Reka kandi tuvunire akagohe umuntu wese yaje kwifatanya n’abisezerano abangikanije yuko uru rugendo twahisemwo rwo kugendana n’Imana atari imikino ya politike kandi yuko atari ibinanga. Imana irahambaye kandi abagomba kugendana nayo babikora mukuri no mu Mpwemu. Indongozi mwihanga ry’Imana kuva ku mitumba ya rusansuma gushika ku rwego rwigihugu murazizi ntizihinduka co kimwe nindongozo mubadiakoni no muvyo impwemu murabazi ntibahinduka, Ari igihindutse muzokimenyesha biciye mu nzego z’umuhari nkuko vyama bigenda. Mwijukire gusoma kuri site: www.abisezerano.com
, kwumviriza Radio Isezerano FM mbere no gusoma kuri Facebook na twiteer y’abisezerano. Ntihazogire imbunuza canke umwangushi abatesha intumbero canke ngo abasahure utwanyu ngo abasavye intererano canke se ngo abicishe mukubatanga kuri abo bicanyi yitwaje ubugunge n’ububeshi canke twadufaranga bahabwa ngo genda mutere ama grenades mu masengero canke ngo genda murase imiduga yingenzi turabahemba. Ukwo ni ugusesa amaraso ya beneburundi, inzira karengane abisezerano barabizira. Intambara abisezerano turimwo niyo kubohoza uburundi Bushasha bwisezerano ivyo navyo bigakorwa mubuhinga butandukanye muguhagarika ubwicanyi Farawo n’abiwe bakorera abarundi.
Tuzohora tubamenyesha abasuma n’abambuzi baba abinyegeza mw’Ihanga ry’Imana, baba imburakimazi zoshobora kurwa mumutego wuwo mwangushi kubera udufaranga bahabwa kugira ngo bahekure abana b’uburundi. Inzara nivyo iraryana kandi ubukene burababaza cane ariko hahirwa uwihangana gushika kwiherezo.
Ni Dusanrwe Imana Uburundi n’Isezerano.