Amahoro-Shalom!Barundi namwe barundikazi,Bisezerano aho muri hose,ncuti namwe bagenzi,Banyamahanga muba mu Burundi turabaramukije tuti « Shalom ! »
Turamaze igihe kitari gito tubwira abarundi baba abari mu gihugu ,abari hanze kumvo zindi n’abahunze ko iki ari igihe c’lmana co gutabarwa ariko bamwe bakabifata minenengwe. Twagira ngo dusubire kubibutsa impamvu Uburundi lmana igira ibutabare ni kuneza yanje ,iyawe n’iy’lgihugu kubw’lcubahiro cayo mw’isi no mw’ijuru.
Imana yo muremyi w’isi n’ijuru yarasezeranye amahoro y’umusesekara,ituze,ubutungane,ubutunzi ku gihugu,igihugu c’amata n’ubuki kizoba cipfuzwa n’amahanga.lgihugu cagutse,igihugu kizogira umuvyuro w’ubutumwa bwiza budasanzwe buzoba buri ku rutonde rwayo rw’ivugabutumwa mw’isi uzoba ujejwe gukangurira amahanga n’abazungu barimwo gusubira kwubaha lmana kuko abenshi bayivuyeko. Iki gihe c’ivugabutumwa ni iteka ridasanzwe ku Burundi kuko bigaragara ko Ivyo Yesu/Yezu yavuze mu gitabu ca Matayo 24:14 bizoba birangutse.(Muhasome)!
Muriyo ntumbero rero satani ntashobora kunezerwa abarundi bari mumahoro kuko azi neza ivyiza lmana yasezeraniye Uburundi. Nico gutuma yateje abarundi amacakubiri y’amoko kuva ku ntwaro ya cami aho hagaragara ikumirana muburongozi aho bavuga ko « Umwami yavukana imbuto. »
Uburundi bwarateye intambwe buva mu ntwaro ya cami ku gikenye kuburyo kuva Umuganwa Rudoviko agandaguwe mu 1961 imivo y’amaraso yagumye iseseka na bugingo n’ubu. Satani arangije amacakubiri y’amoko yazanye ay’imigambwe ,intara n’ibindi. Abarundi barakembana bakebana ataco barigupfa nkako bavuga ururimi rumwe. Kuva mu bwicanyi bakozwe mu myaka y’1965-1988 ahanini hicwa umurwi umwe w’abarundi kumbure abari babifisemwo uruhara bibwira ko bariko bararonderera kazoza keza abana b’abo barakunda bakoreshwa na satani murayo mahano. Birashoboka ko muri co gihe hari abatabikoze ariko babibona ntibamira bagakubitira agati muryinyo ngo kazima bitariko biba kiri twebwe babirenzako uruho rw’amazi barinumira ariko bibagirabibagira ko nibitashikira abana babo abuzukuru bobo bazobizira.
Mu 1993 abarundi barasubiye gucanamwo inganda barasasika impunzi ziba umurengera hagati mu gihugu no mu mahanga abandi bashinga imirwi irwana kugira barabebarabe ko bogarukira benewabo.
Kuva kera rero abarundi ntibigeze bahabwa akanya ko kuririra ababo ,kubagandarira canke gushumbushwa kuvyabo no kubabo,abarundi ntibigeze basubizwa muvyabo( amatongo,amaparasera,ama konte ,imiduga yabo,amazu n’ubundi butunzi.Ntamatohoza vy’ukuri yigeze aba ,ubutungane bwagumye ari igikoresho c’intwaro zose mbi zabayeho bahotora uwo bashatse n’uwo bakeneye. Imirwi y’ubwicanyi yarabayeho aho n’abari barahunze bicirwa mu buhungiro; Akarorero ni incungu Nyakwigendera Gahutu Rémy yagandaguriwe mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya.
Mu 2004 igihe aba Fnl bariko baragandagurwa muri Bujumbura rural,Mairie ya Bujumbura,Muyinga ,Cibitoke,Bubanza n’ahandi,ababikoze ni Cndd-Fdd ico gihe nkuko Petero Nkurunziza yari umushikiranganji w’intwaro ibereye.Barandanije gushika muri za Safisha mu 2011 n’ubundi bwicanyi bwaranze intwaro ya Cndd-Fdd. Ico gihe nabonyene hari abarundi bavuniye agati muryinyo mbere bagahaga bakivugira ngo » Ni mureke isombe n’ubugari bimarane.Vyasigura ngo reke abahutu bamarane . » Bibagira ko iyo igishure gisigaye ariyo umuriro waka ujana haguhaguruka ngo bamire baranuma. None n’ubu niko bikimeze? Ihibambewe!
Wawundi ati inkoni yakubise mukeba urayirenza urugo hakiri kare ataraho naho bizogukomerana.
Ntibamenye ko Nkurunziza yipfuza kumanza kwikiza abarwanyi bakomeye,abomurwanije vyoroshe maze asigaza abantu batagoye azotuma imbonerakure zikabanyarukana n’abasirikare ubuho ntibabagera umutwe.
Ivyo vyose lmana yarabibona kandi kuko hari ico yari yaravuze ku Burundi ko izobutabara ikabukura mu buja bwa satani n’abayoboke biwe,ljambo ryayo rero riratinda ariko ni ukuri. Twihweze ijambo riri muri Zaburi 35:10-11 na Zaburi 146:9 « 10.Amagufa yanje yose azovuga ati “Uhoraho ni nde ahwanye nawe? Kuko ukiza umugorwa uwumurusha inkomezi , 11.Ukiza n’umukene n’umugorwa ababanyaga. »
« 9. Uwiteka ni we arinda inyambukira, Aramira impfuvyi n’umupfakazi, Ariko inzira y’abanyakibi arazigoreka. »
Ijambo ry’lmana rero barundi mubimenye ko ari rizima. Imana yamaze rero guhaguruka kugira ngo itunganirize za impfuvyi na babapfakazi banyarwa bakangazwa kuvakuva Uburundi bucikukira,Imana yarahagurutse ngo ihore amaraso y’abanyamahanga biciwe kugata k’Uburundi,lmana yarahagurutse ngo ihembe abicanyi bose bo mumoko yose ,imigambwe yose uko yagiye itwara yica inyaga itagira akagongwe.
lmana yaramaze guhaguruka ngo ihembe abatware n’abategetsi basheshe amaraso y’inzirakarengane kuva muri 1961 gushika n’ubu ku ntwaro ya Cndd-Fdd.
Nico gituma mubona baba abazungu,akarere(Mukapa EAC) bafuruguta bikanka. Imana yararahiye ko yonyene igiye kwihesha icubahuro kw’isi ihereye mu Burundi aho izomanza gusubiza ibintu ku rutonde kuko ari lmana igororoka itarya igiturire ngo ice izangondagonde ikora ivy’ubutungane. Agahembo kayokayo kunkozi z’ibibi ni inkota no kurimburwa ivyo bikaba bigiye gushika no kuri Petero Nkurunziza ubwiwe,hama izoheza ihembe abizeye iryo sezerano,abizeye ic’lmana yavuze maze bakavavanura n’icaha n’amoko,intara,imigambwe no kwizera amakungu kuba mu gihugu c’Amata n’ubuki.
Muriyo ntumbero twarahamagariye abarundi kwihana. Ababikoze maze bakagaruka ku Mana izobashira hejuru nayo abasuzuguye intumwa ,abavugishwa n’abahanuzi lmana yatumye ntibazobona #Uburundi bushasha.
Nuko turangije tubipfuriza gutunganya kuko inkota yayo iri kurugi abafise amaso bobwirwa bike.
Muze mwese abarundi twizere ico lmana yasezeranye tureke kuba bamuja irya n’ino. Mwifatanye kandi n’Abisezerano nkuko twahishuriwe iryo bangabanga ryayo kandi tukaba twiteguye guhagararira ayo masezero no kuyabohoza.
Ni dusangwe lmana-Uburundi – lsezerano !