AHO UBUZIMA BUTANGURIRA,NI NAHO BURANGIRIRA:
⚫ Butangura turyamye munda z’ababyeyi bacu,bukarangira turyamye munda y’isi.
⚫ Butangura tutazi kuvuga tukivuka,
Bukarangira dushizemwo umwuka tutabasha kuvuga.
⚫ Butangura tutazi aho turi,
bukarangira tutazi aho tugiye.
⚫ Butangura atana kimwe kituri mu bwonko,
bukarangira atana kimwe dusigaranye mu bwonko.
⚫ Butangura turi abanyantege nke,uwuguteruye atereka aho ashaka,
bukarangira abaguteruye batereka aho bashatse ntuburana.
⚫ Butangura utanguye kwandika amateka masha,bukarangira uyashizeho akadomo.
⚫ Ukivuka ntiwamenye uwakwakiriye,no mugihe co gupfa ntuzomenya uwuzokwinjiza mu mva yawe.
⚫ Ukivuka ntiwigeze umenya uwishimye akanakwishimira,ukZopfa ntuzomenya uwuzokuririra akanababara.
⚫ Munda y’umuvyeyi wawe wari ahantu hafunganye hatabona,no mugihe co gupfa uzoshirwa ahantu hatabona hijimye.
*Ubuzima wabukunda utabukunda,igihe kizogera butambuke.*buveho
*Turangwe n’urukundo no gukora imirimo myiza yubahisha Umuremyi wacu, mugihe tugitijwe ubu buzima dukore neza*