*Nta kintu nabonye kiryoshe mu buzima nko kubaho uri umuntu yipfuzwa n’abandi(who is needed)juste kuko ubagirira ikimazi. Iri jambo paulo yaryandikiye Philemon: « ngo nkubonemwo ikimazi mwenedata unduhure umutima muri Kristu,… » vyumvikana ko bishoboka ko abantu bagukikuje{mukorana, mwigana, mubana,,, }bashobora kubaho baruhutse imitima kubwawe!! Muri Kristu turi abantu badasanzwe kandi harya umuntu iyo adasanzwe nivyo akora ntibiba bisanzw😂!**Hari abantu 2 nizeko muri bibiliya babaye abo ikimazi mu gihe cabo:*
*✅Yakobo na Yozefu.*
*1)Yakobo amaze igihe akorera Labani yipfuza kumusezera ariko Labani amubwira ijambo ngo: »icompa ukanezererwa kugumana nanje, kuko nabonye ko Uhoraho yampaye umugisha _KUBWAWE!_ [Genèse30:27]. Ibaze kubaho abantu bavuga ngo twahawe umugisha _KUBWAWE!!!!!_* *Genèse39:5 havuga ngo Uhoraho aha umugisha urugo rwa potifari KUBWA yozefu. Ijambo _ »KUBWA »-_* *ryerekana ko hari ikintu gihinduka aho uri _KUBWAWE_*
*Hoba hari ahantu umaze kuba bakagira umugisha _kubwawe_? Hari abo woba umaze gutandukana nabo bakababara kuko wabagiriye ikimazi bakaruhuka imitima _kubwawe_?*
*Ivyo vyose nashaka kukwibutsa ko utobishobora utari kumwe n’IMANA kuko ari Yo ikorana natwe ibishimwa kandi bihesha umugisha abandi.*
*Nkwipfurije kuba uwo abandi bipfuza,uwo babonamwo ikimazi kandi bagira umugisha _KUBWAWE_. Wemere kubaho uhezagira abandi muri Kristu.*
*%Uyu mwaka uhere hari abantu bashobora kukwandikira ngo: »❤ _Kukugira ni UMUGISHA!_ ❤*