Yohana 10: 7,Yesu arababwira ati :nukuri nukuri ndababwire:nijewe rembo ryintama 8,abanyitangiye imbere bose bari ibisuma nabambuzi ariko intama ntizabumviye 9,nijewe rembo, kandi ushika murugo wese aciye muri jewe arakizwa,agataha,agaturuka,akaronka icanya . Yesu Abayuda batanguye kumuhama ngo yakijije umuntu kwisabato yababwiye ati:Yohana 5:17Data arakora kugezanubunanje ndakora.abatsindanishirizwa nukwizera umwana wImana nzimaYesu yadukunze akatwigura ntabwo twirata I vyagenze. Abagaratiya3:23Ngwariko ukwizera kutaraza twarindwa nivyagezwe, twugaranywe turindiriye ukwizera kwagira kuze guhishurwe24,uko niko ivyagezwe vyatubereye umurezi aturera akadushikiriza kritso, ngo dutsindanishirizwe n’ukwizera . Paulo yaduhanuye murwandiko rwiwe yandikiye abagaratiya4:9-10ariko none ko mwamenye Imana cane cane ko mwamenywe nayo, n’iki catumye musubira inyuma mugahindukirira ivyambere vya goyi goyi bitagira ikimazi mukagomba kubijakarira ukundi gusha? 10:Muziririza imisi namezi nibihe nimyaka? * nizere ko atamusi ugira ikigirwamana imisi yose yaremwe n’Imana ugiye mugitabu c’itanguriro turabona ukugene Imana yaremye imisi yose uko ikurikirana kandi yose irayeza ntaho ndigera nsoma aho Imana yaremye umusi wikigirwamana. Reka turangirize ikiganiro cacu hano mubaheburayo 4:7,ariko vyiza ufise bible yohera aho hejuru kumurongo wa 4-11 kumurongo 7 rero:yongera gutoranya umusi niwo uyu musi, ivugira mukanwa ka Dawidi, igihe kirekire cane gihise, nkuko tumaze kuvuga it’uyu musi aho mwumvira ijwi ryayo ntimukomantaze imitima yanyu 8:kukwiyaba Yosuwa yarabaruhuye,ntiba yaravuze ibwanyuma ivyuwundi musi 9:nuko rero haracariho ubundi buruhukiro bw’isabato bubikiwe abantu b’Imana 10:kuko ushitse muburuhukiro bwayo nawe aba aruhutse ibikorwa vyiwe nkukw’Imana yaruhutse ivyayo murakoze.kd mumbabarire ubu butumwa ndabutanze bivanye nikiganiro cuwitwa Rambert bacishije hano muri group kuko nabonye umenga kiratyoza amadini, ahayagiza nimisi.umwana w’Imana ntabwo yasheshe amaraso kumusaraba ngwacungure imisi nibihe namezi ariko ngo acungure wewe nanje twari twishwe nivyaha nibicumuro vyacu.mwarikumwe na jewe Vyuma, nkunda Yesu kd Yesu numwami numukiza wubugingo bwanje. Uwufise ico adatahuye azinjire muri box canke hari ikibazo.