DUKWIYE KURUSHAHO KUGIRA UMWETE WO KWITWARARIKA IVY’AGAKIZA TWUMVISE

DUKWIYE KURUSHAHO KUGIRA UMWETE WO KWITWARARIKA IVY’AGAKIZA TWUMVISE(Soma Abaheburayo 2:1-4; Ivy. N’intumwa 7:38-39)

Irijambo ry’Imana murishikirizwa na Manirakiza Richard.

Benedata muri Kristo Yesu, ndabaramukije amahoro y’Imana. Nkuko duheruka kuganira kw’ijambo ryadukangurira gushira mubikorwa ijambo ry’Imana kugira tubone guhinduka tugende uko Imana ishaka, ariko uy’umusi numva twovugana kukijanye n’ivy’agakiza twumvise. 

Jewe ubwanje, nagiriwe Ubuntu bugeretse kubundi, aho numva ivyagakiza gaturuka kuri Yesu, hama nkavyakira none nubu Yesu aranshoboza numva ntakekeranya ndabikomeje. Ivy’agakiza kugira ubikomeze nuko uko bwije uko bukeye dukwiriye kurushaho kugira umwete wo kwita kuvyo twumvise nivyo tubandanya twumva kugira ngo tudatembanwa canke ngo tudatwarwa akayombekere tukabivamwo. Amajambo y’Imana tumva niyo afise ubugingo kubayumva bakayagendera. Ijambo nivyo ritwereka uko tugenda tukirabamwo nkuwiraba mucirore. Iyo rero tudakomeje ivy’ubugingo ngo tuvyumvire dusanga twasubiye muvyo twahozemwo tutarumva ivya Yesu (Ivy. N’intumwa 7:38-39). Beshi muritwe, ntamwete twagize kandi na nubu ntamwete dufise wogukomeza ivya Yesu twumvise tugahabwa agakiza kubwokwizera ijambo ry’Imana. Uwushaka ko Yesu amukomeza akamukomereza muvy’agakiza nabanze atere intambwe yokugira umwete wo kwita canke wokurushiriza kwitwararika ivyo twumvise (Abaheburayo 2:1). Twese ntawufise icoyirata kiretse Ubuntu twagiriwe na Kristo Yesu. 

Uko tudasiba kubaremeshereza muri Kristo Yesu, namwe tubingingira kugira umwete wo kwitaho ivy’agakiza tubabarira tubifashijwemwo na Mpwemu Yera. Imana ntisiba kuvugana natwe ibicishije mwijambo ryayo ikoresheje ingabire yaduhaye zitandukanye ariko zose zuzuzanya mukubagira abagabo bokuvuga nogukora ivya Yesu. 

Muze rero dufate ingamba zogukomeza ivyo twumvise kugira tudatembanwa n’imivo n’inkukura y’ivy’ububuzima hama Yesu akazosanga twarataye ivyagakiza. Uwumva yatwawe akayombekere kubera atagize umwete wokugumya ivyo yumvise, niyigarure abarire Yesu amubabarire yongere amuhe inkomezi zokubandanya ivy’ururugendo rugana isiyoni yo mw’ijuru. Uwirengagije naho Ivya Yesu, akabifata nkibindi bisanzwe, niyihane avyemere hama nawe ahabwe agakiza twahawe kubuntu kugira tuzorarwe ubugingo buhoraho. 

Numva ntobarambira, igikenewe nuko twibukijwe twese ivy’agakiza katuruka k’umusaraba kubw’amaraso Yesu yasheshe, igisigaye nukugira umwete wo kurondera Imana twongera dukomeza ivyo twumvise nivyo tubandanya twumva. Yesu adushoboze muri vyose. Amahoro n’imigisha biva ku mana Data, ariyo se watwese, bibane namwe none nibihe bidashira. Amen.