Ijambo Ry’Umusi.Irad Ndihokubwayo

IKIGANIRO : Ijambo Ry’Umusi.Irad Ndihokubwayo

👉Theme : Urazi ko Satani ariwe akugerageza kandi akuzanira intambara. Urazi uburyo bwiza bwo kugwana mukigeragezo ko ari Ukwihangana, Gukomeza ukwizera no gushikama ukaguma mukugororoka. Urazi ko utanigana n’abantu buntu ariko unigana n’Impwemu, abatari ab’inyama n’amaraso.

👉None, Urazi igituma ugeragezwa?

<=> Satani arazi ko Imana igufitiye amasezerano menshi cane kandi meza kuri ino si eka n’Ijuru ko izarigura. Kandi, arazi yuko niwayivako ugakora icaha itazsguha na kimwe ahubwo izaguhana.

Nico gituma uri mukigeragezo.

👉 Gwana intambara yawe neza rero. Ntuhange amaso ikigeragezo cawe, Hanga amaso Isezerano ryawe n’agaciro karyo.

Wibuke gutabaza Imana.

– Efeso 6:13-18

-Itang 39:7-9

Whatsapp : +265994341922

🙏 Mfasha kubibwira mugenzawe mukumurungikira ino audio haba muri groupes murimwo canke abagenzi ufise contacts zabo.

Imana iduhane umugisha.