UKO WOMENYA UMUGENZI MUBI CANKE UMUNTU MUBI WO KWIRINDA

UKO WOMENYA UMUGENZI MUBI CANKE UMUNTU MUBI WO KWIRINDA:
1.iyo muriko muganira nta ntanarimwe yigera afata akanya akubwira ibintu vyiza !

2.kenshi iyo muganira wumva akubwira ububi bw’abantu cane cane abuzi canke abagenzi bawe!

3.iyo muganira wumva ahimbarwa na kukubwira ibintu bibi gusa!

4.ukurikiranye imvugo ziwe wumva abantu bose ababonamwo ibibi gusa Kuko ntamuntu numwe wumva ashima!

5.iyo akurondeye cane usanga hari inkuru mbi aba ashaka kukubwira

Kuko inkuru mbi nizo zimuryohera kuvuga!

6.iyo umuganiriye ivy’imigambi ufise nta narimwe agutera intege ahubwo akwereka ko imigambi yawe izoguta mu manga!

4.umubwiye ko waronse umugenzi ahera ubwonyene akwereka ukuntu womwitondera kw’ari mubi mbere uko bukeye azokwama akubwira ibibi yamutohojeko n’ivyo mubwana vyose arakuzanira!

Abibuze apfuma azana ibibi vyo mubiwabo nuwo mugenzi wawe

7. Iyo umubwiye inkuru y’ikintu ciza waronse ubwo nyene mumaso hiwe hakabirana ubona hama agaca yigira nkuwubezeranywe nawe!

8.ntanarimwe uzumva ariko yibuka ineza yoba yarakorewe n’umuntu ahubwo wumva aguma akubwira gusa a bamugiriye nabi!

9.iyo agize iciza agukorera naho agikurikiza amajambo menshi kandi mumisi mike nivyatsi uzumva bikubwira ko yagukoreye ikintu!

10. Iyo nk’umwe mubagenzi musangiye agize ingorane runaka canke agafungwa canke akibwa ubwo nyene uza wumva atanguye kukubwira ingene naka atumva, ar’ikijuju,igisamazi, ikirofa, ko yabibona data kwategerezwa kugira izo ngorane ngwo aramuganura ntiyumva n’ibindi bijambo bibi vyinshi!

Muruwo mwanya estomac irakurya Kubw’umuriro ariko aracira!

Mwiyubare rero umuntu ameze nkuwo ntimumugire umugenzi namba!