IMIGWI 4 Yama DINI canke amashengero dufise mwisi unomusi.

LE 20/03/2017 : IMIGWI 4 Yama DINI canke amashengero dufise mwisi unomusi. Kandi muriyo migwi yose, ntamugwi numwe uriko wigisha Abantu ukuri kugira babone ijuru. 
Amahoro nimigisha bibe kubari mwisi cane cane abafise inzara ninyota vyo kugororoka kuko aribo bazohazwa. 

Ncuti zanje, izi nyigisho sukugira ngo ntyoze amadini kuko nanje ndafise iryo njamwo, ariko nukugira nkwereke ko muma DINI yose dufise unomusi, yose yavuye mukuri, mbere hari nayatigeze aba mukuri. 

Rero, ncuti, ntukabe umunyedini, ngurivugire nivyo utazi, ahubwo ironderere ijuru kugiti cawe, kuramwo bimwe muvyo batwigisha bihwanye na bibiriya, ibindi vyibinyoma ubite kure, hama kandi, muvyo batakubwira, vyironderere muri bibiriya canke mubakozi bi IMANA batavugira muvumbi kumuvumba, niho uzobona ijuru. 

Iyo ugereranije Ishengero ryunomusi niryo mugihe ci ntumwa, uca ubona ko Ishengero rya none ryuzuyemwo ikinyoma. None mbe, IMPUMYI ZORONGORA izindi? 

Umugwi wa 1) AMADINI AGWANYA KRISTO kumugaragaro. Nukuvuga atemera YESU KRISTO akavyemanga. Ni nka za ISLAMU, izo nabazirimwo niba batihanye bose inzira ni muri GEHINOMU kiretse uwemeye gukizwa gusa. Aho mbere sindahateba ngira turahemeranya nabazi ico ijambo RY’IMANA rivuga. 

Umugwi wa 2) Namadini canke amashengero agwanya KRISTO mubwihisho. Aha rero mbanze mvuge iki kintu. Hari ijambo YESU KRISTO yavuze ngo, hazoza Abantu benshi biyitirira izina ryanje kandi bakorana na ANTIKRISTO. Ngo bazozimiza benshi. Rero nabo bariho. 

Tuje muvyanditse. KUVAYO 20 :4-6. Ngo ntukibazire igishushanyo canke igisa nishusho yikintu nakimwe caba ico kwisi canke mwijuru ngo ntuze ucikubite imbere. Ico mwomenya nuko IMANA irafuha gose kukijanye nicubahiro cayo mbere ntinavyihanganira. None ga mwene DATA, nivyo ntamadini yibaziye ibishushanyo nibibumbano abitereka mubwinjiriro abinjira bavyunamira? GATOLIKA ikora iki? Ivyo ntavyo ikora? Angricane ivyo ntavyikora? Nimba batabikora barambabarira, ariko nimba babikora, bamenyeko bagwanya KRISTO kumayeri kandi bazimiza benshi. Ndiko mvuga ivyanditse nawe suzuma ko mvuga ukuri. 

YOHANA 14 :6 Havuga ngo, YESU KRISTO NIWE NZIRA YUKURI NUBUGINGO GUSA NTAWUZOJA MWIJURU ATAMUJANYE. None ga yemwe, ico canditswe ntigitomoye ko uciye kuri MARIYA, PETERO, YOHANA nabandi utazobona ijuru? Nimba mudasoma bibiriya nshasha, ivyo bisaba uwize Theologie kugira abisobanure neza? None MARIYA yaje avahe ngo dusabire? Mbega yemwe, nikihe canditswe kibaha uburenganzira bwo guca kuri MARIYA? 

None tuvuze ko abakorivyo bagwanya KRISTO twoba tubeshe? Ca mwongerako na MATAYO 23 :9. Rero idini nka GATOLIKA bazimiza Abantu mubinyegezwa namayeri menshi. Mugenzi usengera murayo madini, ntuze witwaze ngo ntiwabwiwe ukuri, kuko ukuri nuko YESU KRISTO ariwe nzira yukuri nubugingo gusa ija mwijuru. Uciye kuwundi ntuzoshika uzoja muri GEHINOMU. 

Umugwi wa 3) AMADINI atemera mpwemu yera. Batemera ubuvugishwa, indimi….. Ayo iyo ubabwiye ati IMANA yatumye bakwamirira kure ngo ivyo ntibikibaho, iyo uvuze mundimi, bakubwira ngo namadayimoni akuvugisha kumwe YESU KRISTO bamubwira ngo akoreshwa na Zelebubruri, rero yo, afata igikogwa ca mpwemu yera bakacitirira SATANI, Ngo haragowe uwucurika ibintu ikibi acita iciza, iciza akacita ikibi. 

YOHANA 16 :7-11 YESU KRISTO Abwira abigishwa biwe ngo, icoba ciza nuko ngenda kugira nzobarungikire umwitsa, mpwemu yera. Ariko ngo ntagiye ntimuzomuronka, iryo jambo niryubwenge gose kuko risigura ko MPWEMU YERA ariwe YESU KRISTO yihinduye kuko kare yaje muburyo bwumubiri ariko arihindura agaruka muburyo bwa mpwemu yera. Ninayo mpamvu bibiriya ivuga ngo abafise mpwemu yera nibo bana bImana gusa. Bisigura ngo abafise YESU KRISTO nibo bana bImana gusa. 

Ariko kandi, kuko tuziko YESU KRISTO yabwiye intumwa ngo muzobabatize mwizina rya DATA, IMPWEMU, na MWANA. Ariko kandi dusanga intumwa zo zabatijwe mwizina rimwe gusa ariryo rya YESU KRISTO gusa. Bisigura ngo KUBATIZA mumazina atatu =nukubatiza canke kubatizwa mwizina rya YESU KRISTO GUSA. Aho rero duca tubona neza ko IMANA ari YESU KRISTO, mpwemu niwe ari YESU KRISTO. 

Rero, iyo utemera mpwemu yera, uba utemera YESU KRISTO, utemera ni IMANA. Kuko kandi igikogwa ca mpwemu yera nico kutwemeza ivyaha nukutwibira akabanga kubizoba. Ivyo bikogwa bicishishijwe mubavugishwa ni IMANA. Iyo rero utemera abavugishwa uba utemera ko mpwemu yera akora. Nayo madini agwanya KRISTO akazimiza Abantu. Ninka ADVENTISTE, TEMOINS DU JEHOVA nayandi. Namwe muyarimwo mwicare muzi ukuri. Ko nimudahindura muzorimbuka mutabwe muri GEHINOMU. 

Ndangirize kumugwi wa 4) AMADINI yitwa ko yemera mpwemu yera, ariko yataye umurongo wa bibiriya bahitamwo gukurikira urutonde gwashinzwe nabantu. Ayo nayo ninkaza Pentecote, EMMANUELi, EACE, EUZEBU, FECABU, EPJ, nayandi. 

Usomye EZEKIYERI 22 :26 na 28. Haratwereka uko ayo Madini yataye umurongo wa bibiriya ariyo mpamvu baziruye ivyi IMANA nki ISABATO. Iyo uvuze isabato murayo madini umenga uracumuye, ariko wavuga Dimenshe, Sun day, umusi ngo wamungu, ngo uri mukuri? Nihe murasoma Dimenshe muri bibiriya? Intumwa zakorana kumusi wisabato kurinda zipfa, none wakuweho nande? Mvuge ikindi, NOEL yashizweho na nde? YESU KRISTO? PASIKA yo yashizweho na nde? Itandukanirizo riraho. Ikibabaje ntanumwe anezwe no kumenya uwahindaguye nuwashinze ivyo nugutega imitwe nkabamobwa gusa, bashinga amashengero bakhrikiza urutonde runyuranye na bibiriya gusa. Ibisigaye ntibaraba nukubona IVYACUMI gusa namashikanwa nibishimo gusa aho rero simvuze ivyinyambaro, nibindi bizira bisigaye bikogwa munzu yi IMANA. 

Ngo YESU KRISTO numwami wisabato? Nivyo kuko niwe yayishinze. Bisigura ngo niwe mwami wayo koko. Ariko ngo Abantu baca bagomba kwigisha uwayishinze uko yoyikwirikiza, nico gisobanura gusa 

Mwene DATA, ntukabe umunyedini, hitamwo ukuri, niba woguma ahuri, ukurikize bibiriya gusa kuko nivyo uzobazwa. Nayo ayo madini yarataye umurongo. Niyo mpamvu IMANA iguma ivuga ko igiye gutanguza Ishengero rishasha kwisi rimeze nkiryigihe cintumwa. 

Mukurindira rero, hitamwo neza, HITAMWO YESU KRISTO, kurikira bibiriya gusa. Ivyo bakubwira bituzuye vyuzurize muri bibiriya, ibizira navyo ubizibukire kugira uzubone Ishengero risha rigiye gushingwa kuko mbere nubwo wopfa ubu, ntajuru wobona niba udahwanya na bibiriya ibivuga. Mugenzi, kuri NOWA barakorana nkunomusi, ariko hasigaye NOWA gusa nabiwe bisigura ngo ntibakirana mukuri, kuri ROTI ISODOMU NIGOMORA barakorana nkunomusi ariko hararimbuwe. None nkubaze unomusi IMANA yoza kurondera abari mukuri kwijambo worokoka nka NOWA na Loti.