Umutumiro wo gusengera uburundi n’abarundi.

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO GUSENGERA UBURUNDI N’ABARUNDI YO KUWAGATATU IGENEKEREZO RYA 22 NTWARANTE 2017.
Nkuko twama tubigenza iminsi yose kuwa gatatu, abisezerano bose aho bari mugihugu cose no ku mpande zine z’isi tuja imbere y’Uhoraho Imana yacu gushima Imana, kuyiririra tuyitakambira kugira ngo ikize igihugu cacu c’Uburundi n’abarundi.

INYIGISHO Z’URUFATIRO: Kwiga Ijambo kurindi muri (2 Abikorinto 6:1-10)

1. Kumenya umugambi w’Imana w’isezerano ku Burundi (2 Abikorinto 6:1-2)

2. Kumenya kurwanira no gukingira umugambi w’Isezerano Imana yahaye abarundi (2abikorinto 6:3)

3. Kumenya ikiguzi, agaciro n’uburemere bw’umugambi w’isezerano ry’Imana ku barundi (2Abikorinto 6:4-5)

4. Kumenya inkomezi, ubunini n’uburemere bw’umugambi w’Imana ku Burundi. (2 Abikorinto 6:6-10) 

II. IMITWARO TUZOSENGERA:

1. Gusengera ubumwe, urukundo no gutahurana mubasangiye urugendo rwo mu mugambi w’isezerano bose.

2. Kwitaho bidasanzwe mu gusengera, kugendera, kugemurira no gufasha abapfunzwe, abarwaye, impfuvyi, abapfakazi n’impunzi.

3. Gusenga vy’umwihariko dusambuza ibigirwamana, imihango n’amasezerano yagiraniwe na shetani n’abadayimoni mu gihugu cacu c’uburundi. Mwame muzirikana yuko amasengesho y’umugororotsi yirukana idayimoni igihumbi kandi yuko aya babiri yirukana ibihumbi cumi.

Tubipfurije kugira umunsi mwiza wo guteramira imbere z’inyonga z’Imana, murakoze!

Ni dusangwe Imana, Uburundi n’Isezerano.

Bigiriwe i bujumbura kuwa 21/03/2017

http://www.abisezerano.com