UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO GUSENGERA IGIHUGU CACU C’UBURUNDI N’ABARUNDI YO KUWA GATATU IGENEKEREZO RYA 29 NTWARANTE 2017.
Nkuko mubizi, abarundi isinzinzi bahurikiye mukwemera yuko Imana yo mwijuru itahevye Uburundi n’abarundi ariko ahubwo yabasezeraniye igihugu c’amata n’ubuki; bama baja imbere y’Imana Uhoraho gusengera iryo sezerano ryabo kugira ngo rishitswe. Ibintu nyamukuru bizoboneka mu burundi bushasha bw’Isezerano bimwe ni ibi bikurikira:
– Nta ntambara, ihohoterwa ry’ikiremwa muntu no gupfungirwa ubusa bizosubira kuvurwa mu Burundi.
– Impuzi zose zizotaha mugihugu iwabo, n’abapfungiwe ubusa bose basubizwe mu miryango yabo.
– Nta nzara, ubukene nindwara zumurengera bizosubira kuvurwa mu Burundi.
Turatumiye rero abarundi bose bakunda igihugu cabo kwitaba ako kamo mukwifatanya n’abisezerano.
INTUMBERO Y’AMASENGESHO:
1. Gusenga amasengesho yo kwitunganga mumitima no kugororokera Imana mu mvugo, mu ngiro no muvyiyumviro.
2. Kwigishwa no kwigisha abandi ibituma abantu badashobora gutera intamwe muvyo bakora, bikuru bikuru bikaba ibi bikurikira:
– Gukoresha ibishobisho n’ibigumbagumba bagashira kure kumenya urukundo rwuzuye ( 2 abikorinto 6:11-13; Luka 10:27; 1Yohana 4:10-12)
-Kwifatanya nabanyakibi, kutagira intumbero, kutagira akarabga, no kujana nyabahururu, guhuruduka no gutwagwa n’agashavu. ( 2 Abikorinto 6: 14-18) Muzirikane yuko umuco n’umwiza bidafatana.
-Kutigenza nkabafise kandi bazi isezerano ryabo mukutatura amasezerano yanyu, mukutama mwitunganya kandi mwitegurira kuyakira. ( Zaburi 82: 2-4; 2 Abikorinto 7:1) Umuhizi yama yitegurira uko bukeye uko bwije kubohoza no kubungabunga amasezerano yahawe.
IMITWARO YO GUSENGERA
Uretse yuko aho muherereye hari imitwaro babatura yo gusengera kubera ingorane zitandukanye zishikira abantu irya nino hari ibikuru bikuru vyo gusengera:
– Gusengera abarongozi mu bisata bitandukanye vy’Ihanga ry’Imana n’imirimo itandukanye bitangiye. Satani ntiyicaye aguma atera uruhagarara, imivurungano, utujambojambo, uguhanwa irya n’ino, insaku n’ibihuha, ububeshi, imyidodombo n’ubugambanyi ngo arabe yuko yoburizamwo umugambi w’Imana nkuko yabigenje muri kahise. Ni ukubisambuza mw’Izina ry’ubushobozi.
– Gusengera no kugendera abarwayi, abapfunzwe, impfuvyi n’abapfakazi uko bishoboka kwose. Ababishoboye biyungunganye bagarukire kubabuze ababo no mu mpunzi babahire amajambo y’ihumure n’agacumu kubumwe. Tuboneyeho no gushimira intwari zo mu nkambi y’impuzi yi MAHAMA zarengeye ubukene n’imiruho zirimwo zikerekana ubutwari bwazo mubikorwa vy’urukundo n’impuhwe. Imana ikomeze kubazitirira.
– Gusengera abisezerano bari mu ngendo zitandukanye mu gihugu no mumahanga. Abo muzi musenge mubavuga mumazina mubazitiriza kandi musengera n’imirimo itandukanye barimwo.
Mwame muzirikana: HARAGEZE YUKO IBINTU BIHINDUKA KUKO NTIBIZOKWAMA AHA TUGEZE.
Turabashimiye yuko mugiye kwitaba aka kamo ko gusenga mwambaza Imana Rurema ngo abarundi isinzi bave mu mahano barimwo.
Ni dusangwe Imana, Uburundi n’Isezerano
Bigiriwe i Bujumbura kuwa 28/3/17