AMASENGESHO YO GUSENGERA UBURUNDI N’ABARUNDI.
Ncuti namwe bagenzi,namwe b’lsezerano aho muri hose kw’isi turabaramukije amahoro aturuka ku Mana Data Rugiravyose aganze imitima yanyu mw’izina rya Yesu Kristo!
Dufashe Kano karyo kugira tubahamagarire kwifatanya natwe twese nk’umuntu umwe imbere y’lmana mugusengera igihugu cacu kuri iyi tariki yambere NDAMUKIZA!
lntumbero y’ano masengesho ni:
GUSHIMIRA IMANA KWARIYO IDUTSINDANISHIRIZA MURI RUNO RUGAMBA RW’AMASEZERANO KU BURUNDI.(KUVAYO 15:3,6)
Miriyamu na Mose batanguye kuririmba bahimaza lmana kubw’igitangaza co kubakiza ukuboko kwa Farawo cari gihejeje gukoreka. Reka natwe dushime turirimbire lmana kuko yahagurukijwe no kudukiza ,kudukura mu buja twashizwemwo na satani na benewacu (Kuvayo 14)
INYIGISHO:
Turaririmba kandi kuko tutizera ivyo tubona (amagorwa,uruhamo,ubuhungiro,imibabaro ,inzara,ubukene,kwangazwa,kwankwa n’ibindi.) ariko ejo bizohinduka, twizera ibizoza tutabona( Abaheburayo 11),ko intsinzi ari iyacu,twagizwe Uburundi busha,Ubwami bw’lmana kw’isi( Ivyahishuriwe 5:9-10).
Umuvugishwa n’lmana Nahumu 1:7 havuga ngo : » Uhoraho ni mwiza! Ni ubuhungiro bwacu bukomeye mumakuba.Yama hafi y’abamwizeye bose. » Abarundi batarizera isezerano bariho,abarikengera bariho n’abarivuga ukutariko ariko abazoribona ni abaryizera,ni abizera ico lmana yavuze ku Burundi. Abo nibo Uburundi bushasha bugiye kubera ubwatsi butotahaye,bazomera nk’igiti gitewe haruhande y’amazi kuko cama igihe caco kandi ibibabi vyavyo bitigera vyuma (Zaburi 1:3; 23:1-2)
Uhoraho ahoraho koko,kandi niwe azodukiza mu nkomezi ziwe zitangaje,twige kumwizera kurusha uko twakora.(Zefaniya 3:17).
IMITWARO:
TUzosenga ngo ubushobozi bw’lmana buzunguruke Uburundi bwose bumenagure ivyahumanije igihugu n’ivyigize ibigirwamana vyose. Buhindure ubusa imikogote n’amafarasi vya Farao ngo uko lmana yarumuye amagurudumu y’imikogote ya Farao,uko yaciye ivutu ingabo za farao ubushobozi bwayo bugaragare busangangura imikogote,amafarasi n’ingabo za satani ku Burundi (Kuvayo 14:25)
Tuzosengera ihanga ry’lmana mu Burundi, abarongozi n’abadiyakoni ngo lmana ibakoreshe ivy’ubutwari.
Tuzosengera abarwaye,abashonje,abapfunzwe,impunzi,abinyegeje irya n’ino,abari mubukene,ababuze shinge na rugero,impfuvyi n’abapfakazi.
Turangije tubipfuriza ukwezi kwiza kwa Ndamukiza,mwirinde kubesha nkuko ari umugenzo w’igipagani kubesha kuri iyo tariki yambere y’uku kwezi.Amahoro y’lmana abane namwe.
Nidusangwe lmana,Uburundi n’lsezerano.
Bigiriwe i Bujumbura,igenekerezo rya 31 Ntwarante 2017.