Ubuntu burihabwa
Murundi mwene mama,
Ehe raba igihugu cacu kiriko kiratabagurwa turorera.
Twese turafise uruhara kugira igihugu cacu gikire, canke kibandanye kugenda akayombekere. Urashobora kuba utafashe umupanga canke inkoho, urashobora kuba utivye canke utatanze igiturire, ariko ivyo vyarabaye urorera. Hariho uwo uzi yabikoze, uramushigikira mu bikorwa canke mu vyiyumviro, ntiwamwamira canke ngo umushengeze. Hariho abarenganijwe ubona, wirabira hirya. Hariho abishwe n’inzara wewe ufise ivyo urya, hariho ababuze ijambo wewe urifise, hariho abahenzwe uzi ukuri ntiwabagarura.
Twese twaragize uruhara mu mabi ari mu gihugu cacu uyu munsi. Twaratakaje Ubuntu, twaribagiye ko umuntu agirwa n’uwundi, twarikunze twigungirako, dukumira abandi, twabaye ba nsumirinda, ivyo ba sogokuruza bita ubukungu twabigize ubuhizi.
Mu myaka yakurikiye ukwikurira kw’Uburundi, hamye havuka akarwi k’abarundi gasasika inganda, n’ubu kakiriko, gatumbereye kwigungirako ubutunzi, no gukumira abandi. Maze kugira ako karwi kikingire, kiyita amazina, kiyitirira imirwi y’abarundi, abahutu canke abatutsi, natwe dukurikira ubwije, batwambika iceyi c’ihonyabwoko n’ayandi mabi atovugwa bakoze ku nyungu zabo, natwe dutega umutwe nk’umumobwa, turatuna buratondera. Nuko amabi yose yakozwe tutaravuka turayikorera, naho ivyo ako karwi kungutse mu kwica no gukumira abandi tutabisangiye. None hari ubujuju busumba ubwo? Vyagenze gute ngo imiliyoni z’abarundi dufatwe mpiri n’akarwi k’abantu bake? Uyu munsi umuntu ayoberwa abize n’abatize, iyo wumvise ibiyago n’imyidogo ifatiye k’ubwoko kandi twese tuziko hatica ubwoko hica umuntu.
Kumbure umuntu yokwibaza ati abarundi barakenye, nico gituma bahendwa, bagapfa gukurikira, bakaba ba mpemukendamuke. Ariko rero abarundi bo kuri Rwagasore ntibari batunze amaronko, bari batunze umutima w’Ubuntu. Barahagarariye ukuri n’ijambo, barisubiza agateka, bikurako intwaro y’agahotoro. N’uyu munsi birashoboka. Kwikurako intwaro mbi bihera mu mutwe. Ibuka ko uri umuntu, uhagararire Ubuntu bwawe. Urashobora guhitamwo kuba umushingantahe canke umuhimbiri, si ubutegetsi buguhitiramwo, si intwaro mbi iguhitiramwo. Urafise ububasha bwo kwanka kwica, kubesha, kugoka, kwiba, kwirengagiza ikibi. Ivyo nta butegetsi bushobora kubikwaka.
Abarundi baba mu mahanga, kenshi ubasanga mu mirwi ibiri: bamwe bigize sindabibazwa igihugu cabo kiriko kirapfa. Ubwo ni ububegito buteye isoni n’agahinda. Kwicara widoga ngo Uburundi butwawe nabi, washize akaguru mwikoma icupa ribisikana n’irindi, ntibizotuma impunzi zitaha, ntibizotuma abana bariko bicwa n’inzara n’ubukene bakira. Hari incabwenge yavuze ngo ubonye Inzovu irwana n’akanyegeri ntihagire ico ukora, uba uri mu ruhande rw’inzovu. Umurundi wese adahaguruka ngo yiyamirize intwaro mbi aba ariko ayiha inguvu, kandi ayongerereza iminsi yo kubaho.
Abandi nabo barahagurutse, bariyamiriza intwaro mbi n’ihonyangwa ry’amategeko. Maze urugamba rubaye rurerure batangura kuruha, mbere batangura no gucanamwo, umurwi warukwiye kuba ukomeye gusumba iyindi yose muri uru rugamba, urananirwa kwiyubaka. Abarundi bari mu mahanga, cane cane abari i buraya, bararenga ibihumbi mirongo ibiri. Benshi muribo barize, bafise ubuzi, barafise uburyo, nibo batunze imiryango itari mike mu Burundi. Baba mu bihugu bifise intwaro zibereye bashobora kwigirako, mbere bashobora no guhimiriza kugira ivyo bihugu bifashe mu kurwanya intwaro mbi mu Burundi. Barafise ubushobozi bwo gufasha canke kuremera abanyapolitike kugira bashire mu ngiro intwaro ibereye. Barafise uburenganzira bwo kugira inama, no gushikiriza ivyiyumviro ku mugaragaro. Kubw’iterambere mu buhinga bwa none, barafise ingene bashobora kuvugana na benewabo basize ku gatumba, bakabigisha ingene bashobora kwikura mu buja bw’intwaro mbi.
Ariko umuntu aravye neza, asanga inguvu nyinshi ziri mu guharira ku bintu bitagira ikimazi, gutegana imitego, gushaka kuboneka no kuba uw’imbere, gukurikira ivyiyumviro vy’abandi, gutambatamba mubidafatana, n’ibindi n’ibindi. Harabuze indongozi nyazo zoseruka zigatanga intumbero, zigashirahamwe abantu n’ivyiyumviro, zigashira ahabona izo nguvu z’uwo murwi w’abarundi, zigakangura n’abigize ba sindabibazwa.
Barundi bene mama, imyaka ibiri iraheze abarundi banse kuba mu buja bw’intwaro mbi zidakurikiza amategeko, zikica abo zotabaye. Abantu benshi barapfuye, n’ubu bakiriko. Impunzi ni nyinshi, ubukene n’ingwara vyirigwa birahekura abavyeyi. Ubutegetsi bwinjiye mu bubisha bumeze nko kwiyahura, ntawari yiteze ko buzofata inzira y’ubwicanyi bungana ukuraho. None imbere yivyo wewe ukoriki?
Mbega uzobandanya ubeho ubuzima busanzwe mu bihe bidasanzwe? Uzorya unywe, urindire ko uwawe canke wewe nyene wicwa? Uzobandanya gufasha iyo ntwaro mbi kubaho?
Wewe uri mu mahanga, uzobandanya wiraramire ube sindabibazwa benewanyu bariko bacishwa kubuhomba? Mbega uzokomeza murizo mpari zitagira ikimazi unege izosi nkaho ariwe ufise ukuri ngenderwako wenyene, unanirwe guca bugufi ngo ukorane n’abandi mutabare icabibarutse?
Uburundi ni twebwe tuzobutabara tukabukura mu menyo y’akarwi gato kabupfukamye munda. Bizomara umwanya tuzomara tujuragirika, turwana intambara zitarizo, gushika tubaye umugabo umwe tukanka ubwicanyi, ububegito, ubuhimbiri, ubusuma n’ayandi mabi atugeramiye.
Umurundi w’intwari yahora ambwira ati: “Nimba abagabo bapfa n’imbwa zigapfa, nzopfa nk’umugabo”.
Hitamwo neza, naho wopfa upfe nk’umugabo!