IBINTU 4 Bizogufasha kumenya UMUVUGABUTUMWA, UMUVUGISHWA, UMUHANUZI, UMURONGOZI, UMUKOZI WIMANA.

Le 05/04/2017 : IBINTU 4 Bizogufasha kumenya UMUVUGABUTUMWA, UMUVUGISHWA, UMUHANUZI, UMURONGOZI, UMUKOZI WIMANA bibinyoma. Amahoro nimigisha bibe kubari mwisi cane cane abafise inzara ninyota vyo kugororoka. 

Ariko kandi Amahoro nimigisha bibe ku ABARUNDI BASHASHA muri KRISTO kuko aribo bagiye kwinjira UBURUNDI BUSHASHA igihugu c’Amahoro menshi nubutunzi bwinshi kitazotwagwa nimigambwe namoko kizoba kimeze nka ISRAYERI yakera itarandura.

Ica mbere 1) UMUVUGABUTUMWA, UMURONGOZI, UMUKOZI WIMANA bibinyoma, ikizobakumenyesha, iruhande yivyo YESU KRISTO yabijije vyo kwiyita amazina yivyubahiro nka za BESHOP, MON SEGNEUR, kuko iryo zina risigura ngo RABI, mwigisha kandi mwigisha arumwe, iruhande yaba REVERND risigura ngo nyakubahwa, i ruhande yizina ryirirogotano PAPA, gisigura IMANA, kuko DATA canke PAPA dukirizwa arumwe wo mwijuru gusa 

Iruhande yivyo vyose YESU KRISTO yabujije hariya muri MATAYO 23 :1-9, Iruhande yivyo vyose bikwereka aba bantu twavuze bibinyoma, 

Ikizokumenyesha kandi, UMUVUGABUTUMWA, UMUVUGISHWA, UMUHANUZI, UMURONGOZI, UMUKOZI WIMANA bibinyoma, mukanwa kabo harimwo ubutumwa ninyigisho zivyiza gusa, nukuvuga zimigisha nimihezagiro vyikivunga. 

Bahagarara imbere yishengero bakigisha ivyiza gusa, bakibagira ko ata mahoro yababyavyaha, 

Bashira imbere ibimenyetso nibitangaza gusa, ariko ivyo vyose ntivyatumye na YESU KRISTO bamwemera. Ubundi, noneho icakuye YESU KRISTO mwijuru sugukora ibimenyetso nibitangaza, oya. Ahubwo yaje kwigisha ubutumwa bwiza bwu Umusalaba, kugira ngo uwuzemera wese kumwakira azakizwe. 

Ariko ivyo bimenyetso nibitangaza, yarabikoze kugira arabe ko bofuma bamwemerera ico kuko bari banse kumwemera. Ariko nahonyene ntibamwemeye bigombera, imitsima gusa namafaranga, nubuzi, naza promotion, amazu, amadokari gusa, ntajambo ryagakiza bagomba. 

YOHANA 6:26.

Kira noneho, ibimenyetso nibitangaza vyose bikoregwa abanyavyaha, abanse kwihana, a biyambitse ubusa, abambaye izibujijwe na bibiriya, abicanyi, abasambanyi, abasuma, abaraguza, abagitsiba imishatsi, nabakora ibindi vyinshi bizara, rero ibimenyetso nibitangaza vyose bikoregwa abameze batyo, sibiva ku Mana. Kuko na YESU KRISTO ubwiwe yabanza kwigisha ubutumwa bwukuri, nintumwa nuko zabigenza babanza kwigisha ijambo ryumusalaba Abantu bakihana hama rero ibimenyetso nibitangaza bigakurikira. 

Kurico rero, ushobora kumbaza ati none ibimenyetso nibitangaza tubona bikogwa mwizina rya YESU KRISTO siwe abikora? Iyo usomye Matayo 24 urabonamwo aho YESU KRISTO Yabwiye Abantu ko hazoza benshi bazokora ibimenyetso nibitangaza mwizina ryiwe kandi ari ibinyoma gusa bazimiza Abantu ndetse bazure nabapfuye. Arongerako ngo bazobahenda ngo ari hariya kwa BESHOP naka, kwa Pasteur naka kumusozi witwuku, mubutayu, nibindi , nibindi. Mukinya RWANDA bivugira ngo AREBA MUBIHAHA. 

Rero ntagitangaje kumva uwukiza indwara, uzura abapfuye mwizina rya YESU KRISTO ariko atarivyo mbere atanga namafaranga. 

Hari nikindi dusanga hariya MUVYAHISHUWE 13:13 Ngico gikoko mbona gikora ibimenyetso nibitangaza vyinshi, gikororora numuriro uvuye kwijuru, ariko ivyo vyakogwa nigikoko cakabiri kugira kizimirishe Abantu ibimenyetso nibitangaza vyibinyoma kuko arivyo abiki gihe bikundira, ico gikoko cakorivyo nico ANTIKRISTO. Ariko ico uwo Antikristo utazomwumvana, nubutumwa bwo kwihanisha Abantu ivyaha gusa. 

Mbere no 2ABITESALONIKE 2 :9-10 Haratwereka neza ibimenyetso nibitangaza vyinshi vyubu Abantu bavuye ku Mana ko ibiriko bikogwa ubu vyinshi bikogwa nawa mugomome. Rero abo bantu bibinyoma uzobamenyera kunyigisho, ubutumwa namajambo yimigisha nibitangaza vyo mukivunga gusa. 

Ica 2) Kizokwereka UMUVUGISHWA na ABAHANUZI BIBINYOMA nabo, mbere nabavuga butumwa nabitwa abakozi bImana bibinyoma, mubuvugishwa bwabo nubuhanuzi vyabo, bahanura, bavugishwa IVYAMAHORO niterambere kugihugu gusa no kubanyigihugu baco. Kuribo ntankota yigera ibaho, ntagihano kibazo, bahumuriza Abantu bose. Mbere bagahumuriza, nabicanyi, abasuma, abaja ikuzimu, nabaca imanza zibinyoma, bagahumuriza rero nabanyavyaha baba buzuye munsengero no mugihugu. YEREMIYA 28. YEREMIYA 14:13. 

Ica 3) Kizokwereka ABAVUGISHWA, ABAVUGABUTUMWA, ABARONGOZI, ABAKOZI BIMANA bibinyoma, ntakuri bigera bagira, baba BANTIRUMVEKO, mugihugu ibintu birapfa babona ntibakurako numunwa kugira batabonwa nabi nubutegetsi. Mwishengero ibintu birapfa babona, ico bigombera ninyungu gusa izo nazo bakazironka mugushigikira ibinyoma. Abo bantu harivyo butavuga muri bibiriya nibindi bavuga. Bavuga ibisosa, ntibabwira abanyakibi ko nibatihana bazopfa, kuko ari ntamahoro yumunyavyaha. Harivyo bakubwira ngo ibi vya bwiwe abakiriya gihe, ngo vyabwiwe abakorinto canke abigihe ca Mose. Ariko ijambo ntirihindukakugeza ISI ni IJURU bikuweho,. 

Ica 4) UMUVUGABUTUMWA, UMUHANUZI, UMKRISTO, uwariwe wese, atatura izina YESU KRISTO mukanwa kiwe ko Yaje yambaye umubiri, iyo mpwemu ni yikinyoma, unomusi rero harabantu mukanwa kabo adapfa yatuye izina YESU KRISTO, aririmba ngo IMANA IMANA IMANA gusa, ariko iyo mpwemu ni yikinyoma kuko mwizina YESU KRISTO niho tubonera Amahoro, niho dukirizwa, rero umuntu wese muzobona atigera avuga izina YESU KRISTO mukanwa kiwe ariko akaririmba ijambo IMANA, uyo ntuzumwemere kuko imana ziri mwisi ninyinshi nohejuru, ariko izina na Satani atinya nizina YESU KRISTO. 

Ivyo bintu Bizogufasha kumenya umurongozi wawe, umuvugishwa, UMUVUGABUTUMWA canke umukozi wImana ko aruwikinyoma canke aruwukuri. 
Murakoze.