IY’USENGA UBURIZAMWO UKANAHISHURIRWA IMIGAMBI N’IMITEGO YA SATANIIk’icigisho wogitahura neza usomye iy’imirongo ya Bibliya: Yoshuwa 6: 1-27; Esteri 4:16-17; 8:1-17; 2 Abami 6:8-23; 19:1-37; Ivyakozwe n’Intumwa 12:1-19; 16:19-40; 23: 12-35
Ub’ubutumwa mubushikirizwa na MANIRAKIZA RICHARD
Ndabaramukije amahoro y’Imana muri Kristo Yesu.
Mwene data ukurikira ubutumwa ntanga kur’ub’ubuhinga ngurukana bumenyi, ndakwipfuriza kumenya neza ko amasengesho ari ikigwanishwa gikomeye, sinicogusa, ugusenga n’uburyo canke strateji umuntu akoresha mukuburizamwo imigambi n’imitego ya satani. Wewe usenga ndakwinginze ngo ubandanye kuko ico nigikorwa ciza kubuzima bwawe nabawe, kumurimo w’Imana hamwe n’igihugu. Nawe udasenga, usome neza ubu butumwa hama umenye neza ukwo abandi baburijemwo noguhishurirwa imigambi mibi y’umwansi kubuzima bwabo.
Twifashishije Bibliya tubona abahizi baburijemwo imigambi y’umwansi biturutse k’umasengesho bakoze.
Abahizi bambere n’Abisrayeli igihe bajabuka Yorodani bagasanga impome za Yeriko zakomejwe ziranugarwa. Izo mpome zari zimeze nkigisuzuguriro imbere yabo ariko ndakubwirako iyo wasenze ko igisuzuguriro hazogera igihe kikakuva imbere. Icatumye impome z’i Yeriko zirwahasi nuko basenze. Imizunguruko bagize mumisi bari bategetswe n’Imana bayigira basenga. Ugiye muri Mpwemu usanga uko bazunguruka arikwo amasengesho yinjira mumpome za Yeriko. Vyarangiye Yeriko igiye hasi, igisuzuguriro kibava imbere bongera kunezerwa mubuzima bwabo. Simenya impome ziri imbere yawe, ariko ndakugira inama ngo usenge kugeza zitembagaye.
Abandi bahizi twokwigirako n’abayuda bari batwawe inyagano. Izonkuru uzosanga mugitabo ca Esteri. Bamaze kubona bagiriwe imigambi mibi yokubica, icobakoze bafashe imisi yogusenga. Bamaze gusenga ibintu vyarahindutse. Rero nawe usenga, ndakumenyeshako hari ibintu bishobora guhinduka kubera gusenga kwawe.
Uwundi muhizi twokwigirako ni Elisa ingene yasenga hama Imana ikamuhishurira imigambi mibi Abasiriya bari bafise yokwica umwami w’Abisirayeli. Ayo masengesho yatumye akiza umwami w’Abisirayeli. Munyuma, Abasiriya bahavuye bagira umugambi wogufata Elisa ariko kubwo gusenga imigambi yabo yaburijwemwo binatuma Abasiriya bakiza mugihugu c’Abisirayeli. Turavye uburyo Imana yarangije ikibazo ca Elisa, twovuga ko yakirangije muburyo budateza izindi ngorane. Bisigura ko iy’usenga ko Imana irangiza ikibazo warufise muburyo bidateza izindi ngorane.
Uwundi muhizi ni Hezekiya. Nawe yashikirijwe ikete ryabatuka rivuye kwa Senakeribu umwami w’i Ashuri. Rimushikiriye, icoyakoze yaciye aridugana munzu y’Uhoraho ariramburiraho arasenga yereka Imana ingene babatutse nukuntu nayo nyene bayitutse. Kubera gusenga, Imana yaciye imutumako umuhanuzi yayo Yesaya kumubwirako ivyo yamusavye yavyumvise. Imana yatumye iburizamwo imigambi yabansi mbere inamusubiza nivyo atari yasengeye. Muvyo yari yasengeye indya ntizarimwo ariko Imana yahishurye ko nikibazo cokubura indya igisubije. Iyo dusenga Imana igira icikora mbere ikanasubiza ivyo twasengeye nivyotudasengeye.
Mukurangiza, turabe abandi bahizi mugusenga dusanga muri bibliya mw’isezerano rishasha. Turasanga amasengesho ya Petero n’isengero ryamusengera vyatumye umugambi wa Herode woumwica uburizwamwo. Imana yabonye ayo masengesho hama ica ituma umumarayika aza kumwugururira iminyururu irabohoka ninzugi z’ibohero ziruguruka. Turavye Paulo na Sila nabo batwigisha ko gusenga biburizamwo umugambi w’umwansi mbere umwansi akakugarukira akaba incuti. Bagisenga nokuririmba babonye ukuboko kw’Imana kandi batumye n’Imana imenyekana, mbere nabansi babo baba abagenzi. Izonkuru uzisanga mugice ca 12 c’Ivyakozwe n’Intumwa. Ariko kandi hari iyindi nkuru usanga mugice ca 23 cicogitabo nyene. Aho ho dusanga havurwamwo umugambi abayuda bari bagize wokwica Paulo ariko kuko yasenga, Imana iwuburizamwo kandi bamugeza aho yaja ari muzima. Bisigura ko iyusenga biburizamwo satani mbere bigatuma ubandanya uri muzima kandi umwansi yashaka kukwica.
Mwese mwasomye ubu butumwa, ndabipfurije kuba abasenzi kuko bizotuma muburizamwo imigambi n’imitego umwansi yategura hejuru yanyu n’abanyu n’ivyanyu. Umurimo w’Imana kandi uzokomeza utera imbere kandi n’igihugu kizorindwa n’amasengesho yanyu.
Yesu abagirire neza. Amen.