Amakuru Ava mu ntara ya rumonge.

Muntara ya Rumonge Muri Commune Rumonge Zone Rumonge Umutumba Nkayamba Mwishamba c’imeza rya Cabwoba gushika kuruzi Dama muriyi minsi hariko hakorerwa ibikorwa biteye ubwoba aho abanyagihugu baho badatekanye kubera imyimenyerezo y’Urwaruka rw’Umugambwe Cndd-Fdd ruzwi kw’izina ry’Imbonerakure aho mundwi bafise iminsi ibiri Abanyagihugu bo murako gace bakaba batekewe n’Ubwoba bwinshi aho abenshi bibaza icoba kigamijwe muriyo mwimenyerezo ya gisirikare. Mwomenya ko hari haheze amezi atatu humvikanye urwamo rwamasase ariko Abajejwe Umutekano n’intwaro muriyo ntara akaba ataco babivuzeko kugeza iyisaha.Ikindi mwomenya n’uko hageze kumasaha y’ijoro ahonyene munkanyamba hanasanzwe hari Ingoro y’Umugambwe kurwego rw’intara hakaba haboneka urwaruka rw’inshi rukanatuma nimirimo ibera hafi y’iyongoro itakorwa,mwomenya iyongoro mukubakwa habaye ikutumvika kwabene ikibanza aho ishirahamwe ryari risanzwe ryegukira icokibanza ariryo SRD ryagitanze kunguvu aho nabamwe mubari imbere bahinduriwe imirimo naho bakorera nkuko.