UMUTUMIRO WO GUSENGERA ABARUNDI N’UBURUNDI KUWA GATATU 12/04/2017

UMUTUMIRO WO GUSENGERA ABARUNDI N’UBURUNDI KUWA GATATU 12/04/2017.
Nkuko Imana yategetse abarundi bahurikiye mu muhari w’Isezerano, harategekanijwe amasengesho yo gusengera igihugu c’uburundi n’abarundi bose. 

I. AMAJAMBO Y’URUFATIRO: 

Umwami Yesu yasenze avuga ati : « Data nivyaba ubigomvye, iki gikombe ni kindengane. » Twibaze rero duti none iki gikombe carimwo iki?

* Kirya gikombe cari cuzuye uburake bw’Imana, ivyaha vy’uburyo bwose, ubugambanyi n’imibabaro iteye ubwoba. ( abaheburayo 4:15; 2Abikorinto 5:25)

* Kirya gikombe Umwami wacu Yesu yarakinywereko kubera urukundo adukunda yagize imibabaro y’umutima n’iyumubiri kubera umugambi wo gushitsa Isezerano araducungura. (1 petero 2:21-24; 1 Yohana 3:16; Abaroma 3:23-25)

* Kirya gikombe kubera yakinywereyeko, natwe dutegerezwa gusangira umunezero, urukundo, kugiriranira imbabazi , kwihana vyukuri no kwereka isi yuko twamenye Imana koko. (1 Yohani 4:10; Abaroma 5:8)

II. IJAMBO MPWEMU YERA AHISHURA:

Umuntu wese yibaza yuko azotonda urugamba urwarirwo rwose atajanye n’Imana azoba yiyahuye kandi nabazomujurikira azoba abaroshe kurisongoye.

III. IMITWARO YO GUSENGERA:

1. Tuzoshima Imana yuko ibivuga bikaba kandi yuko atakiba itibiye akabanga abasavyi bayo. Turusheho no kuyiyegereza kuko ntaco tuzokora tutari kumwe nayo.

2.Tuzokwibuka gusengera abaduhama, abinyegeza mumugambi w’Imana ngo bazane ubwansi , ubugambanyi n’imivurungano. Dusaba yuko Uhoraho arushaho kwiyerekana.

3. Tuzosengera kandi impfuvyi, abapfakazi, abapfunzwe, abari mugahahazo n’amarushwa, abari mubukene n’umutekano muke.

Tubaye turashimira uwo wese azokwitanga muri ayo masengesho. Murakoze!

Ni Dusangwe Imana Uburundi n’Isezerano.

Bigiriwe I Bujumbura kuwa 11/04/2017.