IKIGANIRO RAB’IC’IMANA IGOMBAMugitegurirwa n’uruganda rwo ku karago mukagishikirizwa na Jw nyene Apôtre Joseph
Intumbero y’ikiganiro:kuganira ku bitugoye dufatiye kw’ijambo UKURI
Bane b’Imana mwese dusangiye ivyizigiro vy’ivyiza Imana Itazi kubesha yasezeraniye abayubaha mwese abari hafi n’abari kure,Shalom
Turamaze igihe kitari gito mu rugendo,aho umw’umwe muri twebwe yagiye anyura mu mageragezwa ibisinzikanza n’indwano z’uburyo bwinshi,aho mbere na wewe ubwawe har’igihe bikurengera.
Ico ngomba ko twibukanya n’uko uhereye isi ikiremwa kugeza uyu musi tugezeko,hamyeho intambara hagati y’ukuri n’ikinyoma,mbere gushik’aho kenshi na kenshi ah’usanga ukuri gutwikirwa, kuyongobezwa bivanye n’imikenyuro igirwa n’abafis’ububasha, ifatiye mu kwikingira no gukingiranira.Ivyo bikama vyibonekeza haba mu migwi ya politiques,mu mashirahamwe rukristo,tutibagiye na ya mashirahamwe avugako ataho yegamiye,bigatuma abantu bose basha coba,bagahora ukuri bakanakwirengagiza kandi bakubona.
Umukozi w’Imana Paul avug’ati:<Twanse ibitey’isoni bikoregwa mu mpisho,ntitugenda mu bugunge,ntidufudika Ijambo ry’Imana,ariko kwerekan’ukuri nikwo twishimagirisha mu nyonga z’Imana no ku mutima w’Umuntu wese.2korint 4:1-5
Ndipfuza kandi ko twokwama duhanahana ivyiyumviro muri kino kiganiro cacu RAB’IC’IMANA IGOMBA,ahanini dufatiye ku kw’ijambo Ukuri nk’uko mpejeje kubivug’aho hejuru,umwe wese mur’iyi groupe akazohora agir’icatuyagiye.
Mu kurangiza nagomba nse nk’uwutanga akarorero ku tubazo tumwe tumwe umukristo wese, umurundi wese cane cane abubaha Imana dukwiye kwibaza tukongera tugatanga inyishu nyazo;
1/Kuber’iki amadini agwira ivyaha n’ivyago ntibihere ahubwo bikiyongera?
2/Kuber’iki Gihugu cacu dusangiye imico n’imigenzo n’ururimi mbere n’ubuhungiro ariko tukama mu ruhagarara?
3/Kuber’iki Igihugu gitoya nk’iki Kirimwo imigambwe myinshi,amadini menshi,amashirahamwe menshi,incabwenge nyinshi n’abiyita incabwenge benshi,ariko tukama twugarijwe n’ubukene?
4/Kuber’iki abantu bibagora kwubahiriz’amasezerano baba narishiriyeho bonyene ubwabo?
Mbaye ndagarukiye ng’aho umuntu wese ndamutey’akamo ngo yiyumvire kur’utwo tubazo,gurtyo bidufashe kuganira dutererana ivyiyumviro no kumenya neza ic’Imana ingombako,ikugombako,Igomba ku barundi n’Uburundi,Muhezagirwe n’Imana.
Mwarikumwe na Apôtre Joseph,tuzosubira Uhoraho abazigame.