UBUHANUZI KU GIHUGU C’UBURUNDI: ivyiyumviro vy’umuntu kuri ubwo buhanuzi.

UBUHANUZI KU GIHUGU C’UBURUNDI: ivyiyumviro vy’umuntu.
IVYO UMUKOZI W,IMANA BEBA YERETSWE MU MWAKA W, 1992( Raba hepfo) : Umukozi w,Imana BEBA yavuye i Katumba yinjira mu Gishiha yasenz, Imana ayinginga ngo aje mu Burundi, ariko Imana yapfuye kumureka imubarira ngo genda urabe Uburundi ariko ntuzobubamwo. Ashitseyo, yahanuye ati :  » NDADAYE azopfa. Azotorwa ariko azoca apfa( yicwa). Uwuzomukurikira mu gutwara nawe, azokwicwa. Uwundi azokurikira azokwirukanwa. Ubwo Imana izoca ihagurutsa abana banyu, nibo bazogwanya ico Gisoda. Bazoba mw, ishamba kandi bazorya inka n, impene. Bazogira inkomezi nyinshi. Harya bagiye gufata igihugu, Imana izoca ibidabadanga bipfe( kubera igihe bofata igihugu, boca bishima bakarwanya intumbero y, Imana). Abantu bazoca batangara bihebure, bace bavuga bati :  » None ko tubuze abatugwanira? » Ni muze dusenge Imana niyo izotugezayo. Abantu iyo bazoba barahungiye, bazogira umubabaro mwinshi. Abatutsi bazokomantaza imitima. Isi yose izobahanura ariko bazoyankira. Uguhona kwabo kuzoba gushitse. ( suite, en bas).

M.N: Muri iyo ntambara y, Uburundi, abantu bariko ikimenyetso co gupfa, bazova iyo bahungiye, batahe mu Burundi bapfe. HANYUMA, nabonye akarwi kava inyuma y, igihugu, kinjira mu Burundi, kabandanya kugara cane gafata igihugu. ABASODA b, i Burundi baciye biruka bahunga. Mu kwiyoberanya, bambara impuzu z, abagore. Uwuzokira ( muri bo) , ni uwuzokwicara hasi agakoma amashi. Nta kintu bashoboye imbere y, abo. Bamwe binjiriye i Makamba, Rutana na Muyinga, bitwa ba RUBURAKIGONGWE. Intambara iheze, mbona bimika umuntu avuye inyuma y, igihugu yahunze kera. Inyuma y, iyo ntambara, nta ngorane zasubiye kuhaba, ntabasubiye kurwanira amatongo canke amazu. Umuntu wese azoba aho agomvye. Mu gisagara ca Bujumbura hazocika nk, ikibuga c, umupira. Igisagara casubiye kwubakwa gushasha. Impunzi zizoca zihunguka. Impunzi ya nyuma ishitse mu Burundi, mbona impunzi ya mbere y, umu tanzaniya ishika mu Burundi. N, uko ntihaze hagire uwihora amaraso azoseseka mu ntambara y, Uburundi. Amaraso azoba agera kw, ijisho ry, ikirenge kandi kugira azimangane, Imana izogwisha imvura imisi itatu. Hanyuma y, iyo ntambara, hazoba amahoro gushika naho benshi bazibagira Imana. Kandi uwuzotwara Uburundi azobura abo aha akazi kuko hazoba hapfuye benshi muri iyo ntambara. Benshi ni abakozi b, Imana kuko batakoze ukugomba kwayo. Abazotera Uburundi bazotonda imigwi itatu: 

1. Umurwi wa mbere uzoba uri mu Kanyosha. 

2. Uwakabiri uzoba uri i Nyambuye . 

3. Uwagatatu uzozanana mu Cibitoke. Bazohuriza ama bombes mu gisagara ca Bujumbura hanyuma rero, UMUHIRWE ni uwuzohunguka inyuma y, abo ba RUBURAKIGONGWE.

Ni musome, mugire insorongoro y, aya mungane agize Ubu buhanuzi. NDADAYE ntiyishwe ? Uwamukurikiye ( NTARYAMIRA Cyprien) ntiyishwe, akorowe mu ndege ? Uwamukurikiye nawe, NTIBANTUNGANYA Sylvestre, ntiyirukanywe muri  » Coup d, État » na Major Pierre Buyoya ?

Mu mpunzi zari inyuma y, igihugu ico gihe, hariho abikanga amahoro, bagataha bagaca bicwa. N, Ubu, niko bimeze.

Abana b, abahutu ntibafashe ibirwanisho bahurikiye mu mihari itandukanye ?( CNDD-FDD, FNL,…). Isi yose ntiyahatiye Leta y, abatutsi kuganira n, abo bita abansi, hama aba nabo bakagenda banka? INGARUKA MBI yo kudadaza kwa Leta y, ico gihe ( Leta y, igitutsi yari irongowe na Major Pierre Buyoya) : abagwanyi bishe abana b, abatutsi n, abahutu base kwivangura na bagenzi babo b, abatutsi i Buta ( BURURI), impunzi z,abatutsi zari Bugendana, Teza, Butezi, hamwe n, abandi basobanurwa, basokorwa mu ma Bus, bareka abahutu bakarengana, abatutsi nabo abagwanyi babacisha ku buhombo,…

Ibikurikira, ni iyo ngwano ya Runyota twimirije. Abazi ubwenge bwo gucondoza ibimenyetso vy, ibihe, ivyo birigaragaza. Shushanya ibi bimenyetso vy, intambara mw, Ubu buhanuzi hamwe n, ivy, ubuhanuzi bwa Damascène. Kugera naho bavuga n, uburere abarwanyi bazozanana mu gutera Uburundi. Umuhanuzi Damascène , wewe, aranavuga n, aba chefs ( abo twita mu kinofunofu  » Seigneurs de la guerre »). Abo bahanuzi bose ( BEBA, DAMASCÈNE) bahuriza kw, ifatwa ry, igihugu n, abarwanyi. Haba ku ruhande uru ( Leta ) na ruriya ( ba Nyakubahwa, les libérateurs) , bose bariteguye ; ibara rizogwa. Ikigaragara co, Leta ntaco izohamburira.

……..Fin…………..

NB. Twebwe ABISEZERANO tugendera kuri vyinshi Uhoraho Imana yavuze kandi muri uru rugamba rwo kubohoza Uburundi Bushasha bw’Isezerano tugendera kuvyo Imana igenda iraturongoramwo. Ijambo ryayo ni ukuri kandi niryo kwizigirwa. Nico gituma tuyagendera kumabwire (icobita impanuro) yabantu kandi tudaterwa ubwoba nivyo batwiyumvirako. Tuzobandanya umugambi w’Imana kugira yo nyene yiheshe icubahiro, Amen!