Habaye umwigeme w’impumyi yashavuzwacane n’ukuba ari impumyi. Uwo mwigeme
yanka abantu bose kiretse umusore umwe
yamukunda cane. Uwo musore yama
iruhande ya wa mwigeme amufasha yongera
amuhoza.
Wa mwigeme abwira wa musore ati: » Hamwe
nosubira kubona, noca nkwemerera
tukubakana ».
Umunsi uri izina, wa mwigeme aronka
ingabire y’amaso abiri. Bamukuyeko
ibitambara vyari bimupfutse mu maso, aca
abona ibimukikije vyose, harimwo
na wa musore yamukunda. Uwo musore aca
abaza wa mwigeme ati: » Ubu none ko
ubona, wonyemerera tukubakana? »
Wa mwigeme aravye wa musore asanga ni
impumyi, ntiyashobora no kwihangana
abonye ibigohe vy’amaso ya wa musore
bifatanye. Ntiyari yiteze ko umusore
amukunda ari impumyi. Yiyumviriye ko
ubuzima bwiwe bwose azoguma abona
ibigohe vy’uwo musore vyugaye, yaciye
amuheba, ararahira arumumya ko
adashobora kwubakana na we.
Wa musore amosozi amutanga hasi, ava hasi
aragenda. Haheze iminsi mikeyi,
wa musore yandikira ikete wa mwigeme
amubwira ati: » Mukobwa nakunze, ayo
maso yawe urayabungabunga kuko imbere
yuko aba rwawe yari rwanje. »
Nguko uko ubwenge bw’abantu bukora iyo
ibintu bihindutse bakamererwa neza.
Ni abantu bake cane bibuka iyo bavuye,
bakibuka n’ababagarukiyeko igihe
bari bagowe.
UBUZIMA NI INGABIRE
Kuri uwu munsi uri hejuru, imbere yuko
uvuga ijambo ritaroranye, uribuka
ikiragi kidashobora kuvuga n’ijambo na
rimwe.
Imbere yo kwinenaguza indya ngo
ntiziryoshe, ibuka urya muntu ataronse na
dukeyi afungura.
Imbere yo kwidogera umugabo wawe canke
umugore wawe, ibuka urya muntu ariko
aratakambira Imana ngo imuhe uwo
bubakana.
Kuri uwu munsi uri hejuru, imbere yo
kwidogera ubuzima urimwo, ibuka urya
muntu Imana yahamagaye akiri muto.
Imbere yo kwidogera urvyaro rwawe, ibuka
urya muntu yipfuza ibibondo atari
bubironke kubera ukutavyara.
Imbere yo kurakara ngo inzu yawe ntikubuye,
ibuka barya bantu bose batagira
aho baba barara rubunda mu mabarabara.
Imbere yo kwijogota ngo wagenze urugendo
rurerure n’imodokari, ibuka urya
wundi muntu ahagenda n’amaguru.
Ni wumva urushe kubera akazi wakoze,
imbere yo kwidoga uribuka birya
bishomeri bitagira akazi, barya bamugaye
badashobora gukora na barya
bipfujije akazi nkako kawe ariko
ntibakaronke.
Imbere yo gutunga urutoke mugenzawe
umwagiriza ibi na biriya, uribuka ko
ata n’umwe ari umutagatifu kuri iyi si kandi
ko twese tuzocirwa urubanza
n’UWATUREMYE gusa.
Ukaramuka usagirijwe n’ivyiyumviro bigutera
kwihebura, uragumana akamwemwe
mu maso, ushimire imana ko ukiriho.
IMANA IGUHEZAGIRE.