Wame wibuka kandi uzirikane 

Habaye umwigeme w’impumyi yashavuzwacane n’ukuba ari impumyi. Uwo mwigeme

yanka abantu bose kiretse umusore umwe

yamukunda cane. Uwo musore yama

iruhande ya wa mwigeme amufasha yongera

amuhoza.

Wa mwigeme abwira wa musore ati:  » Hamwe

nosubira kubona, noca nkwemerera

tukubakana ».

Umunsi uri izina, wa mwigeme aronka

ingabire y’amaso abiri. Bamukuyeko

ibitambara vyari bimupfutse mu maso, aca

abona ibimukikije vyose, harimwo

na wa musore yamukunda. Uwo musore aca

abaza wa mwigeme ati:  » Ubu none ko

ubona, wonyemerera tukubakana? »

Wa mwigeme aravye wa musore asanga ni

impumyi, ntiyashobora no kwihangana

abonye ibigohe vy’amaso ya wa musore

bifatanye. Ntiyari yiteze ko umusore

amukunda ari impumyi. Yiyumviriye ko

ubuzima bwiwe bwose azoguma abona

ibigohe vy’uwo musore vyugaye, yaciye

amuheba, ararahira arumumya ko

adashobora kwubakana na we.

Wa musore amosozi amutanga hasi, ava hasi

aragenda. Haheze iminsi mikeyi,

wa musore yandikira ikete wa mwigeme

amubwira ati: » Mukobwa nakunze, ayo

maso yawe urayabungabunga kuko imbere

yuko aba rwawe yari rwanje. »

Nguko uko ubwenge bw’abantu bukora iyo

ibintu bihindutse bakamererwa neza.

Ni abantu bake cane bibuka iyo bavuye,

bakibuka n’ababagarukiyeko igihe

bari bagowe.

UBUZIMA NI INGABIRE

Kuri uwu munsi uri hejuru, imbere yuko

uvuga ijambo ritaroranye, uribuka

ikiragi kidashobora kuvuga n’ijambo na

rimwe.

Imbere yo kwinenaguza indya ngo

ntiziryoshe, ibuka urya muntu ataronse na

dukeyi afungura.

Imbere yo kwidogera umugabo wawe canke

umugore wawe, ibuka urya muntu ariko

aratakambira Imana ngo imuhe uwo

bubakana.

Kuri uwu munsi uri hejuru, imbere yo

kwidogera ubuzima urimwo, ibuka urya

muntu Imana yahamagaye akiri muto.

Imbere yo kwidogera urvyaro rwawe, ibuka

urya muntu yipfuza ibibondo atari

bubironke kubera ukutavyara.

Imbere yo kurakara ngo inzu yawe ntikubuye,

ibuka barya bantu bose batagira

aho baba barara rubunda mu mabarabara.

Imbere yo kwijogota ngo wagenze urugendo

rurerure n’imodokari, ibuka urya

wundi muntu ahagenda n’amaguru.

Ni wumva urushe kubera akazi wakoze,

imbere yo kwidoga uribuka birya

bishomeri bitagira akazi, barya bamugaye

badashobora gukora na barya

bipfujije akazi nkako kawe ariko

ntibakaronke.

Imbere yo gutunga urutoke mugenzawe

umwagiriza ibi na biriya, uribuka ko

ata n’umwe ari umutagatifu kuri iyi si kandi

ko twese tuzocirwa urubanza

n’UWATUREMYE gusa.

Ukaramuka usagirijwe n’ivyiyumviro bigutera

kwihebura, uragumana akamwemwe

mu maso, ushimire imana ko ukiriho.

IMANA IGUHEZAGIRE.