UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO KUWA GATATU 19 NDAMUKIZA 2017
SHALOM !
Bene Data dusangiye ivy’izigiro vyo gutabarwa KW’IHANGA ry’abarundi. Turabatumiriye mumwiherero w’amasengesho yo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 19/4/2017.
Intumbero yambere:
Kwisuzuma ko tugenda koko nk’abiteze gutabarwa n’lmana !
Intumbero ya kabiri:
Kwihana no gusubiza hamwe n’lmana Kuko igiye kwihagurukira kubw’abarundi !
Mwene Data,
Nahawe ho gufata ingingo ugifise uburyo
Kandi ngo :
Itanguriro ryo kwubakako ry’lmana rirarakomeye ngo ryanditseko ikimenyetso ngo » Uhoraho arazi abiwe…. »
2 Timoteyo 2:19-21
Bene Data fatanya n’abandi twiyereze isezerano Kuko lmana izodukoresha ibihambaye!
Amahoro y’lmana n’imigisha bibane namwe !
IMANA N’IBAHEZAGIRE.
Ni dusangwe Imana Uburundi n’Isezerano.
Bigiriwe i Bujumbura kuwa 18/04/ 2018