Umutekano Mu burundi: niba imirwi 67 yasambuwe mu mezi 3 gusa, iyo mirwi iva kuki?

Ubushikiranganji bw’umutekano w’Uburundi buvuga ko naho umutekano wifashe neza muri rusangi, hari ubugizi bwa nabi bwagiye buribonekeza mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi, mu mezi atatu aheze. Muri ubwo bushikiranganji bavuga kandi ko muri ico kiringo hibonekeje ubwicanyi bukomoka ku kwihorahorana canke ku matati y’amatongo n’ayandi matungo, hamwe n’ubusuma bw’abitwaje ibirwanisho.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, Alain Guillaume BUNYONI, umushikiranganji w’umutekano yamenyesheje ko mu bikorwa vy’ugutuza ubwo bugizi bwa nabi, hafashwe ibirwanisho bigera kuri 40, harimwo inkoho zo mu bwoko bwa Kalashnikov, inkoho ntonto zo mu bwoko bwa Pistolet, ibisasu ntezwantoki (Grenades), amasasu agera ku 786, amabombe, hamwe n’ibindi bikoresho vy’igiporisi n’igisirikare.

« Igiporisi carasambuye imirwi 67, n’abagizi ba nabi bakora ubwo bubisha barafashwe, aha harafashwe inkozi z’ikibi 6741, abashika ku 5600 barakorewe amadosiye. Muri ayo madosiye haravuyemwo amadosiye 3427 yashikirijwe ubutungane. », uko niko umushikiranganji w’umutekano, Alain Guillaume BUNYONI yabishikirije.