Imana yo mw’ijuru Uhoraho yadutororokanije idukura mumahanga irya n’ino, mu ntara zigihugu cacu, amadini yose, ivyiyumviro vya politike bitandukanye, amoko n’imiryango yose igize uburundi bwose; itugira ihanga ryayo maze iduha Isezerano ry’Intahava. Twese atanumwe avuyemwo turi beneburundi, abahutu, abatutsi, abatwa, abaganwa nimvange tugizwe n’abahungu n’abakobwa bihanga ryatuntujwe n’imiruho y’urwanko, indyane ni intambara zurutavanako. Abarundi bose bo mu ntara zose, bo mu madini yose, abari mugihugu nabari mumahanga turi abatoranijwe kubwo isezerano kugira ngo tugarukire igihugu cacu vyanse bikunze. Harageze rero kuba intwari. Twahamagariwe kugarukana amahoro arama kuri bose, kugirango uburundi bube igihugu c’amata n’ubuki. Uburundi ni igihugu cacu c’isezerano twasezeraniwe n’Imana Nyeningabo. Nkuko abarongozi b’Ihanga ry’Imana bamye babikora, tuzokwama tubibutsa ivyo Imana yavuze vyose kugira ngo mubizirikane kandi ngo mwame muvyitwararika. Tuzokwama dukoresha ururimi rw’ikirundi, dukundishe abantu Imana Ihoraho Nyeningabo gusumba twongere dukundishe abantu igihugu c’uburundi n’imico myiza y’amahoro, urukundo n’uburwaneza vyamye biranga abarundi. Imana yaratubujije guhengama canke gutambamira iburyo canke i bubanfu mumatati abarundi barimwo. Ishaka yuko tuba abanyakuri banka ikibi cose aho gituruka hose maze tukaba abatunganiriza abarundi bose tutaravye amoko, intara, amadini, ivyiyumviro vya politike n’ubundi butandukane. Murahawe kaze mwese. Icivugo cacu ni Imana-Uburundi- n’Isezerano. Murakoze Abisezerano!