Iyibutswa ry’ubuvugishwa: UBUVUGISHWA BW` IMANA KW`IHANGA RY`ABARUNDI ARI RYO ISIRAYELI YA KABIRI.

UBUVUGISHWA BW` IMANA KW`IHANGA RY`ABARUNDI ARI RYO ISIRAYELI RYA. KABIRI KUVA KWA NDAYISHIMIYE DANIYELI /SHINYANGA- TANZANIA .SHINYANGATEL: +255687927553 IGENEKEREZO RYA 6/04/2014.

UMUHAMAGARO KW`IHANGA RY`ABARUNDI (ISIRAYELI YA KABIRI) W`UGUSERUKA IMBERE Y`IMANA MU GUSENGA N`UKWISONZESHA.

Uhoraho Imana y’Ubutatu Bwera muri Kristo Yesu, aravuga kw’ihanga ry’abarundi ari ryo Isirayeli ya Kabiri ati: << Ehe ndaza vuba nzanye ingero kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze >> .

I. INDAMUKANYO.

Murundi mwenedata, hanga ry’ Imana aho uri hose, amezi icumi na kumwe (11) araheze Uhoraho Imana y’ijuru n’isi, Imana y’abarundi Isirayeli ya Kabiri avuganye nawe mu buvugishwa bwo kw’igenekerezo rya 26/04/2013 bwo gutegura Pasika y’Uhoraho kugira adushikirize isezerano yadusezeraniye. Kubw’ububasha bw’ Uhoraho, ubwo buvugishwa bwarakwiye kw’isi yose iyo abarundi ihanga ry’Imana basanzariye hose. Birashika ukaba wibaza ingene ubwo buvugishwa bwoba bwakiriwe mw’ihanga ryose, ukibaza ingene Uhoraho Imana nawe yoba yarakiriye uburyo ihanga ryabushize mu ngiro , ukanibaza icoba kibandanya kugeza ubu. Muri uyu mwanya, nategetswe n’ Uhoraho kukurungikira ubuvugishwa bugira kabiri buvuye k’ Uhoraho Imana yacu nk’uko atahengeshanije kuva kera kuvugira mw’ihanga ryacu akoresheje abavugishwa batari bake kugeza n’ubu.

II. UBURYO IHANGA RYAKIRIYE UMUHAMAGARO WO GUTEGURA PASIKA Y’UHORAHO.

Maze kubandanya kuba Imbere yiwe, Uhoraho yambariye ko ihanga ry’abarundi Isirayeli ya kabiri ryananiwe gushira mu ngiro umuhamagaro wo gutegura pasika y’Uhoraho. Yambariye ko abantu bashimye kuguma mu ngeso zabo, mu bikorwa vyabo, mu mva no mu buja barimwo; babitumwe n’ubugaba no kutizera. Ariko Uhoraho Imana y’ Umwami wacu Yesu Kristo yambariye ko hariho bamwe bakiriye neza ubwo buvugishwa, ryaba ishengero ryose, umuryango canke umuntu ku gatwe kiwe. Hamwe n’uko, ku rugero rw’ ihanga ryose muri rusangi, Uhoraho yavuze ati << Simbashima kuko batanyumvira ! >>.Maze kubitahuzwa uko, nabajije Uhoraho nti none ga Mana abatakwumviye n’abakwumviye ubavuzeko iki? Niho Uhoraho yambarira ati: Kubanyumviye bakakira ijambo ryanje n’umutima uciye bugufi, ijambo mbavuzeko ni iri: << Ni muhezagirwe bane banje ! Icari kibakwiye kwari ugaca bugufi.Ko mwemeye kwihana no guca bugufi mwarahariwe, kandi ndabahaye umugisha ingere kabiri ( 2 Abami 2:9-10, 12-14). Nipfuje kumenya ivyo Uhoraho avuga ku batamwumviye, Uhoraho ntiyanyishuye, niho yongera kumbarira ati: Ariko mfise irindi jambo ngira nguhe

TUMIRA NUYUNDI IMANA IGUHEZAGIRE KWIRIKIRANA.

ndayihweje yari mu buryo buhanitse: Yari ifise uburinganire bw’igice c’imetero ku kindi gice c’imetero (m x m ).

Mu rubavu rwayo rwo mu ruhande rumwe yari ifise ahantu hatatu hinjizwa impfunguruzo mu kwugurura no mu kwugara. Ndavye aho hantu hatatu buri hantu 

hari hahujwe n’ururimi rumwe, mu ndimi zitatu; urw’igiswahili , igifaransa n’ icongereza. Mur’aho hantu hatatu; hejuru (ahambere) hari hahujwe n’ururimi rw’igiswahili, ahakurikira hari hahujwe n’ururimi rw’igifaransa, ahahereza naho hari hahujwe n’ururimi rw’icongereza.

Ndabiravye, vyarantangaje; kandi kubera nabonye ko ico cihebe cahavuye kikansigarana iyo sakoshi, nipfuje kuyugurura kugira ibirimwo vyose ndabisanzaze biyivemwo ariko nabonye ko impfunguruzo zayo cari cazitwaranye!

Mur’uwo mwanya, Mpwemu Yera w’Imana yanjeko, numva inkomezi nyinshi zo kumenagura iyo sakoshi kugira imeneke ibirimwo vyose bivemwo ( hamwe na ca cuma co gufata amasanamu; na ya masanamu nyene) n’ubwo ico cihebe cari catwaranye izo mpfunguruzo kandi nca numva ko uhereye ubwo, ico cihebe kidashobora kandi kunyaka iyo sakoshi ngo kiyisubize mu maboko yaco. Niho nabaza Uhoraho nti mbega Uhoraho, iki kintu coshobora kumeneka? Uhoraho aranyishura ati: <<Birashoboka mw’izina ryanje Uhoraho Imana y’ ububasha bwose;bana ukwizera >>.

Maze kubibona uko, Mpwemu Yera yanshoboje gutahura ivyo neretswe:

a. Icihebe: Ni Satani ahagaze mu ma reta y’ibihugu bifise abarundi barondeye ubwenegihugu muri vyo kugira arwanye intumbero y’Imana yo kubashikiriza isezerano no kubakura mw’isabagire.

b. Imiryanko itatu y’ukwinjiriramwo n’indimi zitatu: Ni uturere abarundi barimwo muri ivyo bihugu.

– Ururimi rw’igiswahili= Ni abari muri Tanzania n’ibindi bihugu bivuga ururimi rw’ igiswahili .

– Igifaransa : Ni abari mu bihugu bivuga ururimi rw’igifaransa.

– Icongereza: Ni abari mu bihugu bivuga ururimi rw’icongereza