Burundi: Hari abagize ikinyoma ubuhizi. Muzobareka bajandajande!

Abisezerano ni ihanga ry’abarundi bo mumoko yose , intara zose, amadini yose n’ivyiyumviro vya politike bitandukanye,  Imana yo mw’ijuru yatoranije. Bafashe inzira yo kurwanira igihugu c’Uburundi n’abarundi bose ata nkunzi, badahengamye kandi atawe batinya. Ni muri iyo ntumbero bazokwama bavugira uwurenganijwe wese kandi bashira ukuri imbere y’ibinyoma nkuko barasa umuco ahari umwijima. Ni muri iyo ntumbero uyu munsi bashimye gutanga umuco: Bonavanture Ndikumagenge alias BONET amaze imyaka mirongo itanu (50ans) y’amavuka; amamo n’amamuko y’iwabo ni i bubanza commune musigati, yavukiye kandi yakuriye munyakabiga ya 2 akaba ari n’impfuvyi yo muri 1972. Abo bavukana bose barazwi naho baba harazwi I Bujumbura. Yize amashure y’intago kuri Saint Michel, yiga amashure yisumbuye kuri Lycee du Lac hanyuma aja kwiga kaminuza muri Afrika Yepfo, Cape Town. Yinjiye igipolisi muri PAFE mu 1993 abantu benshi mubo bakoranye co kimwe nabo bakuranye baramuzi. Mukubaho kwiwe ntiyiheze aba mugihugu c’Urwanda n’ukwezi na kumwe. Hari abantu biharaje kwandika ivyo biyumviriye vyose vyocafuza abandi kubera imvo za politike canke gushaka kuryanisha aba nabariya kandi bakavyita ubuhizi. Nta buhizi buba mu kinyoma kandi ntawuzokwererwa yubakiye mukuryanisha abarundi hagati yabo canke abarundi n’abanyarwanda. Abarundi tudahindure ingendo ngo tumenye yuko ukuri kwo nyene arikwo kuzama gutsinda turacajuragirika mumwiza w’umuzitanya. Hariho ibintu bizoshikira abantu bamwe bamwe bigatangaza abandi kuko hariho abikwegera imivumo, amakuba n’ibihano batazomenya iyo biturutse kubera kwimonogoza mu bubisha. Raba rero ivyo bikurikira bamwanditseko wihinyurize. 

……. »Bujumbura burundi today information le 27 ndamukiza. ——————————————————————————————– yitwa NDIKUMAGENGE bonavanture batazira AYUBU. avuka mugihugu cu RWANDA yahoze mugisirikare cu rwanda.. intwaro yurwanda aho yaje gusenyurwa 1996 na Paul KAGAME yahunze aja muri CONGO niho yinjira mumuhari CNDD FDD yinjirira uwo muhari ahobita NDUNDA .. munyuma ajakuja muri tanzania arikumwe nabandi ba CNDD fdd. Urwanda rumushinja kwica abatutsi muri GENOCIDE yakorewe mu rwanda. Umwaka w 2005 umuhari CNDD watsinze amatora I BURUNDI aho wari warasinye amasezerano yoguhagarika ingwano nawe uwo ndikumagenge BONAVENTURE ashirwa munzego zigipolisi. Mumwaka wa 2010 yakoreye ONU muri SUDANI kugeza 2011. Hama asubira ibujumbura. Ahabwa amabanga yokuyobora amagereza. Mumwaka wa 2015 itariki 25 ndamukiza yagize uruhara runini mubwicanyi bwabaye muburundi bwabiyamirije ikiringo cagatatu akaba arinawe wambere yarekuye urusasu rwambere kumutakura rwahitanye umwana yarakiri muto jean nepomuseni kandi yamurashe amanitse amaboko hejuru ariko atabaza bamureke. Mugabo aza kuraswa. Biravurwako muri 2008 uwo ndikumagenge yanakoranye nabahoze mugisoda curwanda ca HAVYARIMANA. aho yatumwa na GENERAL adolphe NSHIMIRIMANA murudandaza rwokubagezaho inzahabu nibirwanisho. Akaba yarafashije izo NTERAHAMWE kwinjira kubutaka bwu burundi igihe hari impururu zokwiyamiriza ikiringo cagatatu. Kuko arizo hanini zafadikanya nigipolisi nimbonerakure vya nkurunziza. Ikindi mwomenya nuko reta yu rwanda imushinja ubwicanyi bwakorerewe abatutsi murwanda. eka nubu muburundi arica agakiza kuko niwe ayoboye amagereza yuburundi munzira yokwica abafunzwe bagirizwa ikiringo cagatatu. Amakuru dufise nuko uburundi bushinja urwanda gufasha abashaka gutera uburundi. Ubu uburundi nabwo bukaba bukoranira hafi ninterahamwe bwisunzeko nihashika abarwanya uburundi bagatera izo nterahamwe zizoca zijabuka zinjira iburundi gufasha reta yuburundi iranayo izoba intandaro yukuntu izo nterahamwe nazo zizobona ahamihirwe yogutera u rwanda ziciye muburundi hasi ifoto ya NDIKUMAGENGE BONAVENTURE batazira ayubu👇👇👇👇👇👇👇👇👇👇👇 kubatamuzi ——————————————————————————————–murakoze mwese abakurikiranira hafi amakuru yacu tubagezaho. By MARTIN JOSE & SAMANDARI »….

« WANKA KUVUGA UKURI UKIRIHO ABANDI BAKAKUVUGA WARAGIYE. »