Amasezerano y’Imana y’ukuri kugihugu no kubantu.

UBUVUGISHWA BW’UKURI______________________________

Ivyakozwe n’intumwa3:22 :<<Mose koko yaravuze,at’Uhoraho Imana azobahagurukiriza uvugishwa na we mu b’iwanyu ameze nkanje;uwo muze mumwumvire muvy’azobabarira vyose.>>

Amahoro y’Imana abe ku bantu mwese muriko murasoma ibica kuri uru rubuga.Imbere y’uko Yesu kristo aza hano kw’isi kugira yikorere ivyaha vy’abantu Bose bo mw’isi,Imana yabanje gutuma abavugishwa nayo ngo babimenyeshe abantu bose,aho twovuga Mose,Samweli,Daniel,Yesaya,….n’abandi n’abandi gushika kuri Yohana umubatizi ubuvugishwa bw’amenyesha abantu ku kuza kwa Yesu kuba kugeze aho.

Imbere y’uko Yesu aza harabayeho igihe ivyavugishijwe vyabaye nk’ibiteba gato abantu batangura kw’ibaza ko abavugishijwe boba bavuze ibinyoma,abatware b’ico gihe batangura kwibaza ko uwo mukiza naho yoza azohava aza ari umuntu ahambaye,yuko azohava avukira mu gisagara giteye imbere,azohava avuka aje gusenyura ubwo bwami bw’ico gihe,…..n’ibindi 

Ariko ivyo vyose vyagaragaye ko ari ivyipfuzo vy’abana b’abantu kuko muvyo bibajije vyose vyaranyuranye n’uburyo Yesu yavutse,ndetse naho yavukiye kuko wewe yanavukiye mû gisagara kigayitse.Ivyo vyose bikagaragaza KO atanarimwe IMANA izokwigera isangira inzira n’abantu nkuko vyanditswe ngo:<<kukw’ivyiyumviro vyanje atari vyo vyiyumviro vyanyu,kandi inzira zanyu atari zo nzira zanje,nik’Uhoraho agize (Yesaya55:8).>>

Abantu barakwiye kumenya KO:

1) Nimpa Imana hari isezerano ifise ku gihugu hakaba hari inzira Imana yateguye ko ibicishamwo hama hagaca haduka umuntu canke akagwi k’abantu ngo bagomba bashitse iryo sezerano mu nzira zinyuranye n’iz’Imana ni ngombwa bazonanirwa, bakubitwe, bafatwe,kuko batazoba barikumwe nayo.

2) Nimba hari isezerano Imana ifitiye umuntu ku gatwe kiwe canke umuryango wiwe hama uwo muntu akabona risa n’iritevye hama agaca yifatira umugambi wo kwicira mu nzira yiwe kugira iryo sezerano rinyaruke ni ngombwa azonanirwa kuko ntabwo ari inzira zateguwe n’Imana kandi ntabwo azoba arikumwe nayo.

Nico gituma umwana w’umuntu akwiye gushira inyuma ivyiyumviro vyiwe n’inzira ziwe akareka ukugomba kw’Imana akaba arikwo kuja imbere naho isezerano ryoba ryatevye kuko mu gihe utateguye canke utibaza niho uzoza ubona Isezerano ryawe rishitse nkuko vyabaye mu kuza kwa Yesu kristo.AHO UMUNTU ABONA SIHO IMANA IBONA KANDI AHO IVYIYUMVIRO VY’UMUNTU BIGERA NIHO IVYIYUMVIRO VY’IMANA BIHERA.Amen