HAGIYE KUBA INTAMBARA YA GATATU Y’ISI YOSE.Vangelia Pandeva Dimitrova azwi cane kw’izina ry’itazirano rya BABA VANGA avuka mu gihugu ça Bulgarie mu gisagara ça Goushterova,yaravuze ubuhanuzi mu mwaka w’i 1990 aho yamenyesha ibigiye kuba ku mugabane wa Leta zunze ubumwe za Amerika no mu bice bitari bike vy’isi.
Baba Vanga akaba yitavye Imana mu 1996 afise imyaka 80.Abakurikiranye ubuhanuzi bwiwe bemeza ko ivyo yahanuye vyose bisa n’ivyamaze gushika ku rugero rwa 80%,ivyo vyose hakaba haciye imyaka igera kuri 16 abivuze ariko bikagaragara ko biriko bishika ubu.
MBEGA IBIVUGWA MURI UBWO BUHANUZI BWA VANGA NI IBIKI?:
1)Vanga yavuze ko umu perezida wa 44 azotwara leta zunze ubumwe za amerika azoba ari umwirabure kandi ko kandi ko azotorwa inyuma ya Georges Bush.Yongera agira ati kandi ku ngoma y’uwo mu perezida w’umwirabure hazoba ikibazo c’ubukene muri amerika(crise économique).Bikaba bigaragara ko uwo mu perezida yavugwa muri ubwo buhanuzi ariwe BARACK OBAMA atwara amerika uyumusi.
2) Baba Vanga yari yaravuze mu buhanuzi ko hazoba igitero muri amerika ku nyubakwa bita »WORLD TRADE CENTER » i New York aho ico gitero cabaye itariki 11/09/2001 kigizwe numuhari Al-quaida warurongowe na OUSAMA Ben Laden.
3) Ibindi yavuze uburuhiro bikaba ni ugusambuka kw’ibihugu vyari bigize ubumwe bwaba Soviyetike(Union Soviétique)
4) Ibindi yavuze abantu uyu musi bakirindiriye ko biba ni ivyo yamenyesheje ko hagiye kuba intambara ya gatatu y’isi yose(3ème Guerre Mondiale).Akaba yavuzeko iyo ntambara izoba ihuza ibihugu vy’i buraya nivy’aba isilamu.Iyo ntambara ikazoba ikomeye cane aho izokoreshwamwo n’ibigwanisho ruhonyanganda(armes nucléaires).
Iyi ntambara ngo izotangura bisa n’ibisanzwe muga munyuma ihave ikara kandi ngo izotuma igihugu c’ubushinwa buba igihugu ca mbere gikomeye kw’isi.
Ku baraba ibintu n’ibindi baravuga ko iyo ntambara ya gatatu ishobora kwaduka umwanya n’umwanya bivuye ku kutumvikana kuri hagati yigihugu c’uburusiya n’ubumwe bwa buraya bufadikanije na Leta zunze ubumwe za amerika.Ukwo kutumvikana kukaba kuva ku kutumvikana kuwokwegukira intara iheruka kwiyonkora ku gihugu ca Ukraine aho uburusiya burahira bukarengwa ko iyo ntara itegerezwa kubwegukira muga amerika n’ubumwe bwa buraya bikanana.Ubu rero ingwano ikomeye iragabirije aho n’abasirikare bivyo bihugu baza baramaze gushika ku rubibe uburusiya buhana n’ibindi bihugu.