Ni RYARI UMUNTU ABONEKA KO AGOROROTSE IMBERE Y’IMANA?================
Hari uburyo 2 bw’ukugororoka:
1) Ukugororoka gutangwa n’ivyagezwe
2) Ukugororoka gutangwa no kwizera Yesu kristo kubw’igikorwa yakoze ku musalaba ngo duharirwe ivyaha(vya kahise,vyubu,nivya kazoza)
1) Ukugoroka kuva kuvyagezwe kwakoreshwa mwisezerano rya kera aho abantu baharirwa ivyaha barinze gutanga ikimazi babicishije ku baherezi.Ariko naho vyaruko abantu ntibaharirwa burundu kuko intumbero y’ivyagezwe kwari ukubagiriza kugira abantu bamenye ko ari abanyavyaha hama batsindwe imbere y’Imana(abaroma3:19),kuko ico gihe nta mugororotsi yabaho imbere y’Imana(abaroma3:10).Rero vyaba ngombwa ko igihe cose umuntu acumuye yategerezwa gutanga ikimazi kugira ngo aharirwe ivyaha vyiwe hama aboneke nk’uwemewe imbere y’Imana.Bama bariko bariyeza rero burigihe biciye mu gutanga ikimazi
2) Ukugororoka gutangwa no kwizera yesu kristo nikwo kugoroka Imana ishaka ku bantu biki gihe kuko Imana izi ko twese turi abanyavyaha, yatugiriye ubuntu kugira uwizeye Yesu kristo ko yabambwe ku musaraba kubw’ivyaha vyacu ace aharirwa ivyaha vyiwe vyose(abaroma3:22-25) kandi ngo Imana ntizosubira kuvyibuka ukundi.Kuko ngo yesu yakuyeho ivyagezwe kugira ntibibe arivyo bituganza ariko tuganzwe n’ubuntu.Nakare ngo aho ivyagezwe bitari nta gicumuro kiba kihari(abaroma4:15) kandi ngo ukugororoka ntikuzanwa n’ivyagezwe(ab’iGalatiya2:21)
Kugira witwe umugororotsi Imana ikeneye ikubonye ikubonemwo Yesu kristo gusa(galatiya2:20)kuko ivyerekeye ivyaha yesu yarabitwikorereye ku musalaba.
Ingorane abantu bafise uyu musi nukutamenya vyukuri ko ukugororoka twaguhawe na yesu kristo ku musalaba bakaguma bashaka kwigwanirira ngo barabe ko bogororoka barinze kwigwanirira ngo barabe ko bokwitondera arya mabwirizwa ariko ntibishoboka ku mwana w’umuntu kuko ngo witondeye ivyagezwe ugacumura kuri kimwe uba ucumuye kuri vyose(yakobo2:10-12).Izere yesu ko yagucunguye asheshe amaraso kugirango atweze.kandi ayo maraso yasesetse rimwe rizima,nico gituma kenshi umuntu ataramenya ko yahariwe na yesu yama ariko arihana kenshi(abaheburayo7:27).Hama iyo wamaze kwizera yesu mpwemu yera arakuzako akaba ariwe akurongora muvyo ukora vyose hama ugashishikara uri umugororotsi imbere y’Imana ariko atari ukugororoka kuvuye kuvyagezwe ariko ari ukugororoka kuvuye kukwizera kuko ngo dutsindanishirizwa no kwizera ibikorwa bivuye mu vyagezwe bitarinze kwiyumvirwa(abaroma3:28).