Mesaje: TWIKOMEZE K’UMUTABAZI (UMURENGEZI)WACU KUKO NIW’UTANGA UBUZIMA BUZIMA N’IBINTU BIZIMAUbutumwa mubushikirizwa na MANIRAKIZA RICHARD
UNKUNDIRE UBANZE URIRIMBE INDIRIMBO N0.169 MUZOGUSHIMISHA IMANA (KANTIKE).
Umutabazi(Umurengezi) wacu ni Kristo Yesu, iyumurondeye ukamwikomezaKo, naho yoteba ariko aguhaye aguha ibintu bizima orijinari atari feki, akaguha n’ubuzima buzima. Ibi ndabivuga kuko usanga abantu beshi dufise ubuzima atari buzima. Mbese nivyo difise sibizima. Rero dukeneye kwigishanya dukoresheje bibliya tirabe uwutanga ubuzima buzima ningene uronka ibintu bizima. Beshi muritwe hari abafise ubuzima bwapfuye. Kandi icambere utarakira agakiza uba yarapfuye mungingo. Rero ubwambere nukwakira Yesu mubugingo bwawe kuko ariwe utanga ubuzima bizima hamwe nibintu bizima. Iyo umwakiriye, hama ukamwikomezako bituma uronka inguvu za Mpwemu Yera hama ukashobozwa kwihanganira ubuzima urimwo mugihe isaha yuko ugira ubuzima buzima itarashika. Bigatuma ukomera ukanakomeza nabandi.
Rero turabire hamwe abantu bamenye neza uwutanga ubuzima buzima:
AK1: Yosefu amaze kugurishwa nabenewabo, iyo atikomeza ku Mana yiwe aba yarose ibintu vyumwanya muto kandi atari bizima bivuye kwa Madame wa Potifa. Ariko kuko yarazi Imana yiwe, yarakomeye ntiyaraba ivyarimwo ahura navyo arindira ibintu bizima biva ku w’Uhoraho Imana yari yavuganye nawe. Yari rukoti ariko igihe kigeze yavyutse ari premier ministre (ministre wambere) kugeza apfuye(Itanguriro 39:7-9). Yosefu yagize ivyago vyishi, yagize nubuzima bubi kuko yari yase ubuzima butari buzima. Imana idufashe twihanganire ibiturusha bivanye nagakiza kacu. Dukomere dushikame kuko isaha y’Imana igeze izoduha ibintu bizima ,izoduha ubuzima buzima. Hari beshi babuze abagabo kubera base ibintu bidaciye mumuco. Ndabateye intege ngo mukomere, kuko mwase ibintu bitari bizima, Imana niyo yaza bose bazobimenya ko yabikoze kandi izobaha ibintu bizima ningo nzima zubaha Imana. Namwe mushomereye kubera mwase gutanga ruswa canke mwase gusambana kugira muronke akazi,namwe ndabateye intege kuko hari umusi uzomenya iyo wizigiye ko ariyo kwixigirwa kandi nukubikora uzobikora. Namwe muriko muhahazwa kubera mwanka gukora ibibi gitandukanye, namwe mureme kuko Imana izobashumbusha mukubaha ibintu bizima nubuzima buzima. Ntimuteshuke Ngo kurondera ibintu butari bizima kuko bimara umwanya muto, bimara umwanya urume rumara, ariko ibivuye ku Mana nivyo bizomara igihe kinini kandi bizokuzanira umunezero. Dukomere rero n’umwami wacu Yesu Kristo.
Ak2: Abisirayeri barembejwe nuburetwa(kuba mubutumwa ) bibutse ko ubuzima barimwo bw’igosheni ko atari buzima kuko ataribwo Imana yabo yari yabasezeraniye. Barahindukira bayikomezako irababwira ati ndururutse ndabahe ibintu bizima (Kuvayo 2:23-25). Ivyo bizima bwari ubuzima bwo kuba mugihugu cisezerano. Namwe mubona mugirewe mubice bitandukanye, namwe ndabakomeje mumwami kuko hari umusi muzobona ubuzima buzima.
Ak3: Nahashi nabisirayeri, ababarira ko yobanogora amaso ngo kibe ikimenyetso cogusuzugurwa. Icobamusavye nimisi yokurondera umutabazi( umurengezi). Iyomisi baramuronka hama abari batumwe bazana inkuru nziza ivuga ko ngo ejo kukasusuruko ngo tuzotabarwa. Bisigura ngo tuzoronka ibintu bizima bitanzwe n’umutabazi Imana yacu (1Samweli 11:7-9) . Bantu mufise akanya ko kurondera umutabazi, nimukwire mumasengero nimukwire kumisozi nimukwire ahashoboka hose mumurondere akibonwa kuko harico yokora agatabara ubwoko bwayo. Mbese akanadutabara muvyo ducamwo mumiryango yacu.
Ak4: Dawidi nawe amaze igihe kinini ahunga Sawuli, icoyakoze yahungiye kumusozi w’Imana Samweli Kugira aronke ibintu bizima. Kandi niho yaboneye ukuboko kw’Imana. Munyuma yaho yahungiye mubafiliSitiya bamuha Agace kitwa siklahi ariko araho abandanye yikomeza kuwiteka, nawe amuha ibintu bizima naho abantu biwe bari bataye ivyizigiro (1Samweli 30:1-20). Dawidi yagiye kuronka ibintu bizima kuko yabandanije yikomeza ku Mana. Muze natwe twikomeze kuri Yesu, dukizwe neza kuko Imana yankaburunuka abapagani bo munsengero zacu. Mube abantu bafise ubuzima buzima muri Kristo Yesu.
Ak5: Mugitabo c’Abami bambere igice cagatu (1Ab 3:16-28)dusangamwo b’amaraya bamenye ko umutabazi atarya ruswa ko ari umwami. Natwe dufise umwami wabami ariwe Kristo. Niwe yabaye umurengezi wabo aha nyina wumwana umwana muzima. Nawe uyumusi namba ushaka ko uronka ibintu bizima niwiikomeze k’Uhoraho Imana yawe. Kristo Niwe buye rizima ryaswe nabubatsi ariko kuwuryikomejeko rikomeza ubuzima rigatanga nibintu bizima nubuzima buzima.
Icodusabwa rero, nibi:
1)kumenya neza uwomutabazi wacu nububasha afise. Ariko nturondeze hirya nohino, umutabazi wacu ni Kristo Yesu yasheshe amaraso kugira twese aturonke mugise kimwe.
2)kumenya uruhare wabigizemwo Ivyuriko ucamwo. Kugira usabe imbabazi kumurengezi wacu. Bamaraya baramenye ko kugira ingorane bari bafise ishike ko aruko harimwo uwari yasinziriye. Rero tube maso turarire ubugingo turya ivyokurya vyo muri Mpwemu kuko urugendo dufise rwokuja isiyoni yo mw’ijuru ari rurerure.
3) kubarira umutabazi wacu ibikugoye kuko niwe ashobora kubirema akanabikomeza.
4) tumubarire umutabazi wacu adushireko uruzitiro rwamaraso yiwe. Kugira satani ataronka ahaca Ngo ahindure bizima Imana yaduhaye.
Mukurangiza nobamentesha ko wemereye Yesu akaguha ubuzima buzima uzogira umunezero kandi buzoba ubuzima bwumumaro kuri wewe nabawe nigihugu cakuvyaye.
WEWE WANKURIKIRANYE NDAKWINGINGE USOME INDIRIMBO YO MUGITABO NO.82 MUZOGUSHIMISHA IMANA.
Yesu abahezagire kuri mwebwe mugiye kwikomeza kuwiteka Imana yanyu. Amen