Abakozi b’iperereza ry’ibujumbura bashobora kwiha inkumbi mu makambi y’impunzi ari mu gihugu ca Tanzaniya 

Abarundi barayamaze bati uwarushe ntaruhuka. Abarundi benshi bakoze kuba barahunze igihugu cabo c’amavukiro, inzara n’amagwara bikiyongera, none abakozi b’iperereza binyegeza mu makambi y’impunzi nabo baza basongera isibe. Hariho abakozi bakorera iperereza ry’igihugu c’uburundi basanzwe bafise uburenganzira bwo kuba  mu nkambi y’a Mtendeli nk’izindi mpunzi abo nabo ni uwitwa RUSANGIZA Eraste n’uwitwa NDIHOKUBWAYO Dieudonné basanzwe kandi ari abigisha bo kuri Lycée KARORERO y’aha Mtendeli,bakaba baheruka mu nama ya documentation yabereye mu Burundi mu ntara ya Kirundo.Bafise n’impapuro z’inzira zibaha uruhusha rwo gutembera bashitse hanze y’inkambi.Igenekerezo rya 08/04/2017 ni ho basohoka inkambi ya Mtendeli bagaruka igenekerezo rya 23/04/2017,bariyoberanya cane ariko inkuru zamaze kudushikira bateguye igandagurwa ry’impunzi z’incabwenge .

Aha rero dusaba impunzi ziri no mubindi gihugu nko mu Rwanda, I Bugande, muri Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo no muri Mozambike Na Zambia kwama barikanuye ntibazogitirwe nabi. Mwigishanye umugambi w’Imana kuburundi kandi mwitegurire gutaha mu burundi bushasha bw’isezerano.