Abajejwe intwaro mu ntara ya Kirundo bavuga ko abandi barundi barenga amajana abiri aribo bashitse muri iyo ntara kuva mu ntango z’iyi ndwi dusozereye, bava mu gihugu c’Urwanda.
Abo barundi bavuga ko birukanwe mu Rwanda, bakaba bagizwe n’imisore yahora ikora uburimyi n’ubworozi, hamwe n’ubundi buzi buto buto aho mu gihugu c’Urwanda, . Bamenyesha ko birukanwe batategujwe, bamwe muribo bakaba bataronse n’umwanya w’ukwishuza ugufaranga bari baheraniwe. Bose bavuga ko batabwiwe impamvu z’iyo ngingo y’ukubirukana ku butaka bw’Urwanda.
Ubuyobozi bw’intara ya Kirundo bumenyesha ko bwakiriye abo barundi bagizwe ahanini n’abavuka mu Kirundo, ariko hakaba harimwo n’abo mu ntara za Kayanza, Ngozi na Muyinga.
Abajejwe intwaro nibo baza kwakira abo birukanwe, umwe wese agasubizwa muhira aho yahora aba. Abatarakirwa babandanya kugaburirwa hamwe n’uguhabwa uburaro n’ubuyobozi bw’intara ya Kirundo, mu kurindira ko bashikanwa mu miryango yabo.