Abarundi indwi b’impuzi zo mw’ikambi y’i Mahama mu gihugu c’Urwanda bakurikiranwa ku vyaha bagirizwa vy’ugucuruza hamwe n’ugukoresha ibiyovyabwenge bigizwe n’urumogi barengukishijwe muri Sentare.

Abarundi indwi b’impuzi zo mw’ikambi y’i Mahama mu gihugu c’Urwanda bakurikiranwa ku vyaha bagirizwa vy’ugucuruza hamwe n’ugukoresha ibiyovyabwenge bigizwe n’urumogi barengukishijwe muri Sentare. Abo barundi baburanishijwe kuri uwu wa kane.
Muri abo baburanishirijwe mw’ikambi y’impunzi i Mahama, batanu bakurikiranwa ku caha c’ukudandaza hamwe n’ukunywa ibiyovyabwenge. Uwundi yaburanishijwe ni umugore yagirizwa ko yaturiye umwana wiwe n’icuma gishushe mu gihe yariko aramuhana, hamwe n’uwundi musore akurikiranwa ku caha c’ugukubita n’ugukomeretsa mugenzi we.

Abakurikiranwa ku vyaha vy’ugucuruza ibiyovyabwenge bisiguye bavuga ko batari bazi ko ari icaha mu Rwanda, nayo ababinywa bavuga ko babiterwa n’ukuba bashaka kwiyibagiza ibibazo baba barahuye navyo nk’impunzi.

Muri batanu bakurikiranywe ku caha co gucuruza ibiyovyabwenge, umwe gusa niwe wenyene yaburanye atemera icaha co gutunga no kunywa urumogi, abandi bose baburanye bemera icaha ariko basaba ko bogabanirizwa ibihano.

Abafasha kuburanira izo mpunzi z’Abarundi babwiye sentare ko ikwiye gufata ingingo ishingiye ku buzima hamwe n’ibihe izo mpunzi zibayemwo, ariko arivyo bishobora kuba vyaratumye banywa ibiyovyabwenge kandi batabishaka. Abo bashingwamanza nabo basavye ko ibihano vyogabanurwa ku bazokwagirwa n’ivyo vyaha.

Sentare izosoma ingingo zafashwe kw’igenekerezo rya 10 Rusama 2017, aho nyene mw’ikambi y’impunzi i Mahama, mu Rwanda.

Ishama ry’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi (HCR) rihamagarira Abarundi bari mw’ikambi i Mahama, kwirinda gucuruza, gutunga, hamwe n’ukunywa ibiyovyabwenge, kuko bibakwegera mu bindi vyaha bituma bashirwa mu mabohero.