Impunzi zahungiye mu gihugu ca Tanzaniya ntizoroherewe.

Kuri uyu wagatandatu igenekerezo rya 29/05/2017 ibara ryaraguye mu nkambi y’impunzi z’abakongomani n’abarundi ya NYARUGUSU.Bamwe mubarundi bari baramutse bagenda gusenya inkwi zo guteka utwo barya,bashitse mw’ishamba baca bahura n’abanyagihugu b’abatanzania baca babatema imipanga hakaba hapfuye abantu 4 aho nyene abandi bakaba bariko bavurirwa mu bitaro vyo ngaho i NYARUGUSU.Mw’iyo nkambi ya NYARUGUSU ikibazo c’inkwi kikaba ari akayoberabahinga tukaba twibaza ingene tugiye kubaho abatanzania batanguye kwica impunzo.Muri izi nkambi z’impunzi MTENDELI,NDUTA na NYARUGUSU hamaze imisi ingorane zo kumwicisha inzara impunzi ku mpamvu z’uko ba gabanije imfungurwa gushika ku bice 50% kandi vyari bisanzwe bitanakwiye.Zikaba zagabanuwe mu mpera z’ukwezi kwa kabiri,dutohoje twasanze ari imyumvikano ya LETA Y’UBURUNDI na LETA ya TANZANIA, mbakoze diplomacie mw’ibanga,inrya baha impunzi ziragabanurwa kugira ngo ubwinshi bw’ahunga bugabanuke mu gihe hokwumvikana ko no mu makambi y’impunzi hariyo inzara.Ariko bikaba bitabujije ko abantu babandanya bahunga.

Ingaruka z’igabanywa z’imfungurwa zihabwa impunzi zarimonogoje :

1)Abantu benshi baciye bomokera mu gihugu ca Uganda mu nkambi y’impunzi y’i NAKIVAL ariko bamwe muribo ntibagize amahirwe yo gushikayo bakaba bafatiwe mu nzira bakigenda muri Uganda.Kuri uyu Wagatandatu le 29/04/2017 hakaba hashikanwe mu nkambi y’impunzi ya Mtendeli ibiduga bibiri bita SALATOGA vyuzuye impunzi zafatiwe mu nzira zigenda zigana igihugu ca Uganda.

2)Iyindi nkurikizi ni abakenyezi baciye bahitamwo gutanga imibiri yabo kugira barabe KO boronka ico bahereza abana kubera inzara,mukaba muzi KO ivyo navyo birwiza inrwara zandukira biciye mu bihimba vy’irondoka na nyaburya inkambi ya Mtendeli igeze ku giharuro ca 284 c’abamaze kumenyekana KO bagendana umugera wa SIDA ku 53000 bagize inkambi.

3)Abasegerereza mu nkambi ni umurengera bari bamaze imisi ari umurengera.

Uno munsi kuwa  01 Rusama 2017 ni ho bongerereza imfungurwa umuntu umwe akaba yahawe ifu y’ibigori(4,256kg),ubushaza(1,680kg),ifu y’isoya(0,70kg),Amakoto(0,280kg) ku ndwi zibiri.Mumbwire ingene ivyo vyotunga umuntu mu ndwi zibiri.
Kw’igenekerezo rya 28 04/2017 Buramatari w’intara ya Kigoma yaragendeye inkambi y’impunzi ya Mtendeli aho yari aramutse aje gushikiriza BLOCK OPERATOIRE ariko mw’ijambo ryiwe akaba yaraciye intègre impunzi aho yamenyesheje ko bongeye imfungurwa ngo ariko uwuzofatirwa hanze y’inkambi azoca asubizwa mu Burundi.