Urunani rw’abavuga ko bacitse kw’icumu « mw’ihonyabwoko ryakorewe abahutu » mu mwaka w’1972 batanguje kuri uwu wa kane ibikorwa vy’ukwibuka imyaka 45 iheze habaye ubwicanyi bwahitanye abahutu barenga ibihumbi amajana atatu.

Urunani rw’abavuga ko bacitse kw’icumu « mw’ihonyabwoko ryakorewe abahutu » mu mwaka w’1972 batanguje kuri uwu wa kane ibikorwa vy’ukwibuka imyaka 45 iheze habaye ubwicanyi bwahitanye abahutu barenga ibihumbi majana atatu, nk’uko muri urwo runani babivuga.Mu gutanguza ivyo bikorwa, mu runani « Collectif des survivants et victimes du Genocide Hutu de 1972 » bashikirije umurwi CVR ujejwe ukuri n’ukunywanisha Abarundi, icegeranyo kigizwe n’impapuro amajana indwi, muri ico cegeranyo bakavugamwo ivyo bazi ku bwicanyi bwakozwe mu mwaka w’1972.

Mu bikorwa bitegekanijwe, harimwo ikiganiro ku vyabaye mu mwaka w’1972 kiba kuri uwu wa kane, imisa y’ukwibuka abaguye muri ubwo bwicanyi Cabaye kuri uwu wa gatandatu, ugushinga intahe kw’abacitse kw’icumu hamwe n’ababibonye, hamwe n’igikorwa gikomeye kizoba kuri uwu w’Imana, aho abagize urwo runani bazotanguza iyubakwa ry’icibutso ca mbere mu Burundi c’abahitanwe « n’ihonyabwoko ryakorewe abahutu » mu mwaka w’1972. Ico cibutso (Monument) kizokwubakwa mu ntara ya Gitega, mu Giheta.

Francois Xavier NSABIMANA, umuhuzabikorwa ku rwego rw’igihugu ajejwe ibikorwa vy’ukwibuka « ihonyabwoko ryakorewe abahutu mu mwaka w’1972 » asaba Reta y’Uburundi ko yotanguza amatohoza kugira inama nshingamateka y’Uburundi hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zemeze ko abahutu bakorewe ihonyabwoko mu Burundi, abaryagirizwa nabo bashengezwe mu butungane.

Mu runani rw’abavuga ko bacitse kw’icumu « mw’ihonyabwoko ryakorewe abahutu » mu mwaka w’1972 bavuga ko abakoze ubwo bwicanyi bazwi.

Kuri ico cibutso c’abishwe mu 1972 kizokwubakwa kuri uwu w’Imana ku rwego rw’igihugu, mu mugambwe MSD babaza ahari ivyibutso navyo vy’abahutu bishwe mu myaka y’1993, 2006, hamwe n’ababandanya kwicwa kuva kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015.