Abanyeshure batandatu ba Kaminuza y’Uburundi bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura barasubira kwumvirizwa na Sentare.

Abanyeshure batandatu ba Kaminuza y’Uburundi bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura barasubira kwumvirizwa na Sentare kuri uwu wa gatatu. Ubutungane bwaheruka kubankira ivyo bari basavye ko bohabwa umwidegemvyo, bakaburana badapfunzwe.
Abo banyeshure batandatu bari mu baserukira abandi ni Jean Bosco Bakanibona, Audace Nkunzimana, Simon Rurasuma, Elysé Dushime, Egide NIMENYA hamwe na Dieudonné Bigirindavyi. Bose bagirizwa ko bateguye imigumuko muri Kaminuza y’Uburundi.

Abo banyeshure bari mu baserukira abandi barungikiye umukuru w’igihugu bamumenyesha ko biteguriye guhagarika ivyigwa mu gihe ingingo yafashwe itohinduka, iyo nayo ikaba ivuga ivy’ingene agafashanyo bahora bahabwa gahindutsemwo ingurane.