Amabingira yigize intama maze akaja mubusho yaraye atabaguye umwungere aramwica.

Amabingira yigize intama maze akaja mubusho yaraye atabaguye umwungere aramwica.Aho ni muntara ya bujumbura muri commune mutimbuzi muri Rubirizi, aho Ishengero rya Emmanuel abiswe ngo ni aba kristo banigishije umwungere wabo ikaruvati yari yambaye.

Ivyerekeye, ako kaduruvayo kavuyemwo ayo mahano babivuga kwinshi ntawuramenya imvo nyamukuru yatumye haba iryo bara.

Bamwe bavuga yuko kubera ubukene buri mugihugu hariho abamuherereye ngo yicwe maze bamusubirire aho rero umuntu yobariza mubo basangiye iyo mirimo. Mugabo rero hariho nabandi bagira bati ntawuzi imvo yukuri bamuhoye kuko abasangiye ubusa bitana ibisambo bakagira bati yoba yaragerageje kunyonora kumutungo wishengero mukwikora kubigiracumi.

Ivyarivyo vyose ni ubwambere haboneka ibara nkiryo aho abitwa aba kristo biha ibara nkiryo bakiha inkumbi kumurango riva.

Ncuti namwe bagenzi twagomba kubibutsa yuko turi mubihe vyahanuwe kandi biteye umubabaro n’agahinda aho ubwicanyi bweruye bwatandukiriye amashengero kumugaragaro.

Ivyo rero si Petero Nkurunziza canke ibihugu vya EAC, UA, UE canke ONU izoza kubihagarika oya namba ni Imana yo mwijuru izoza gushira akaburungu kanyuma kuri ico kiza cubwicanyi.