Intumwa z’umuhuza mu matati ya poritike y’Uburundi, Benjamin William Mkapa ziri i Bujumbura kuja kuri uwu wa kabiri.

Intumwa z’umuhuza mu matati ya poritike y’Uburundi, Benjamin William Mkapa ziri i Bujumbura kuja kuri uwu wa kabiri, mu mibonano itandukanye zizogirana n’abanyeporitike bo mu Burundi batari batumiwe mu biganiro biheruka kubera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.
Izo ntumwa zizobonana kandi n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, amashirahamwe y’urwaruka, abaserukira abakenyezi, hamwe n’abaserukira amadini.

Abo barungitswe mu Burundi n’umuhuza Mkapa barongowe na Ambassadeur David KAPIA, bakaba kuri uwu wa gatatu baza kubonana n’abaserukira amadini, abaserukira urwaruka hamwe n’abaserukira abakenyezi.

Imbere basubira inyuma, bazokwishikira kandi mu gihugu ca Uganda, aho bazobonanira n’abahunze Uburundi bo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, abaserukira urwaruka hamwe n’abaserukira abakenyezi.