Umutama wo ku mutumba sanzu mu ntara ya Ruyigi w’imyaka mirongo itandatu yemeza yuko asanzwe aguruka mukuja gusumira kure yaragize isanganya arakoroka , asanga yakorokeye kumuntu ariko aritahira murugo rwiwe atevye.Uyo akorokeweko nuyo mukonikoni yaciye akoma induru ababanyi barashwabaduka baza gutabara kuko na magingo nubu aracumva ubushuhe umubiri wose kubera ubushobozi bwuyo murozi yakorotse.
Bamushikanye munyamirabi uyo mukonikoni yariyemereye yuko asanzwe aguruka mbere arerekana nigunira yarafise avuga yuko yaragiye gusumiramwo. Ibiro vyinyamiramabi naho biri uko ntacaha canditswe mugitabo mpanavyaha bashobora kumwagiriza kihari.
Uremera none yuko umuntu atari mundege yingenzi canke kajugujugu ashobora kuguruka atanamababa afise? Ivyo ni akayobera bahinga. Mugabo ico twobishira abakorera Satani arabatiza inkomezi z’umwijima, abakorera Imana nabo turafise ubushobozi buhambaye bwo gufata mpiri ibikorwa vyabadayimoni.