umutekano wimpunzi z’abarundi bahungu ngiye mugihugu ca Tanzania nubu ntiwifashe neza. Mu ndwi iheze twarabamenyesheje yuko abenegihugu biraye mu mpunzi zagiye gusenya udukwi bakazitemagura mbere baicamwo batanu, ubu naho i Nduta umutekano wongeye kuvyongeka bivanye n’uko bavuga yuko hadutse gahunda yo gukura mu makambi y’impunzi zina muntu yigeze gukora akazi ka leta cane umunyepolitike ngo babegeranirize ah’abo bonyene i Mwisa Kigoma mu kazinga.Ariko amakuru yo kwizera avuga yuko ari Leta y’i Bujumbura ministeri yo hagati mu gihugu w’uburundi yabigiyemwo. Twagerageje kubaza abo muri ryashitahamwe rya ONU ryitaho impunzi mugabo nta nyishu itomoye turabaronkera. Ni inkuru tukibatohoreza.