Abahungabanya umutekano wo mu Kamenge ni abanyakamenge nyene

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Fredyy MBONIMPA amenyesha ko abahungabanya umutekano muri zone ya Kamenge ari abantu b’aho nyene, akavuga ko ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura budashobora kwemera ko zone ya Kamenge inanirana mu bijanye n’ukubungabunga amahoro n’umutekano.
Mu nama y’umutekano yagirishije kuri uwu wa gatanu, ari kumwe na Musitanteri wa komine Ntahangwa hamwe n’uwurongoye igiporisi mu gisagara ca Bujumbura, Freddy MBONIMPA aramutswa igisagara ca Bujumbura yibukije abajejwe intwaro mu gisagara ca Bujumbura ko bobandanya kwubahiriza ingingo y’uko ata muntu asubira kwiyunguruza kw’ipikipiki inyuma y’isaha cumi na zibiri z’umugoroba.

Freddy MBONIMPA yemeza ko biboneka ko ibirwanisho bihari mu banyagihugu bo muri zone ya Kamenge, agasaba abajejwe intwaro ko bohagurukira ikibazo c’abadandaza inzoga zitemewe n’amategeko, kuko ziri mu bihungabanya umutekano.

Mu gihe umwe mu bajejwe intwaro bari muri iyo nama yashikirije ikibazo c’abaporisi bamwe bamwe biboneka ko bakorana n’abahungabanya umutekano, umukuru w’igiporisi mu gisagara ca Bujumbura yabasavye ko bovavanura n’ingeso y’ukurya ibiturire, ahamagarira abegwa bose n’ikibazo c’umutekano ko bokorera hamwe mu kuwubungabunga.

Umutekano umaze iminsi uhungabana muri zone ya Kamenge, ahamaze kugandagurwa abantu babiri mu kiringo c’iminsi idashika cumi. Umwe yishwe atewe gerenade n’abantu bataramenyekana, uwundi nawe arashwa amasasu mw’ijoro ryo ku munsi wa kane, ababikoze nabo nyene bakaba batamenyekanye.