Abisezerano, aho bamariye kwumva inkuru mbi yuko aba Kristo bo mwishengero rya Emmanuel ryo murubirizi mu ntara ya bujumbura bihanye inkumbi mukwica umwungere wabo, ntibaryamye ngo baribone.Baratumyeyo umunyamakuru wa Radio Isezerano FM gutohoza iyo nkuru maze agira amakuru aronse kuri bamwe n’abandi kandi mwarayashikirijwe. Mugabo rero ntivyahereye ngaho. Burya ubwicanyi bwabereye mugihugu c’uburundi kuva bwikukiye ntawoja arabuvuga gusa umurenzako na cane cane ko abantu benshi cane bishwe kakaba akamizwe ningoma.
Abisezerano rero ntibazihanganira iyo ngendo mbere binakenewe bazohora bitura ubutungane mugihugu no hanze mumahanga kugirango umuco uje ahagaragara.
Nkuko mubisoma mumigambi yuyo muharari akarorero hazotegerezwa gutangwa umuco kuri bose ingene:
1. Umuganwa Ludoviko yagandaguranywe n’abana biwe mugabo abarundi bakabibona ibisanzwe;
2. Abashingamateka isinzi hamwe n’abandi benshi bagandaguwe mu 1965 abantu bakabirenzako uruho rwamazi ngo ni kahise.
3. Incabwenge, abihebeye Imana, abakozi ba Leta benshi bababa ibihumbi amajana atatu bishwe bunyamaswa mu 1972 maze uwagonvye kumenya umuco bakavuga ngo ni ukuzura akaboze;
4. Abantu bafatwa nkincugu nka Rwagasore, Ngendandumwe, Gahutu, Ndadaye na Ntaryamira bishwe hakabura umuco ukwiriye, wimbitse kandi ushizwe ahagaragara kuri bene gukora ayo mahano;
5. Abategetsi n’abanyagihugu isinzi bazimanganye mu 1988, 1993-2015 bagumye bicwa n’ama Leta, imihari yegamiye ama leta n’imirwi yitwaje ibirwanisho,
6. Abantu baguma banyuruzwa, bazimanga n’abicwa barashwe canke banizwe uyu munsi kumugaragaro aho ku munsi kumunsi amaraso ya bene burundi aseseka haba mugihugu hagati canke mumahanga.
Ni muri iyo ntumbero rero yo kumenya umuco wose, Abisezerano begereye abanyagihugu, bacengetera mu burongozi bw’ishengero, mu butungane n’abajejwe umutekano bahegereye. Ni uko rero basubiye mu Rubirizi neza na neza mwishengero rya Emmanuel kugira bagire umuco ukwiriye kurupfu rw’umwungere waho bivugwa yuko yahiciwe. Ivyo batohoje biratangaje.
» Urya mwungere twavuze yuko yapfuye, aracariho ni muzima mugabo yarababaye »
Uko vyagenze ni uko abarongozi bagomvye kumusubiriza maze aba kristo bashigikiye ubwo burongozi bagomba kumukuraho ku nguvu. Abamushigikiye nabo kubera bamukunda baravyanse ni nayo mishamirano yabaye. Abamushigikiye barashoboye kumuhungisha ari muzima bamucisha mu canzo. Aracariho rero mugabo yarababaye. Imana yacu rero ihabwe icubahiro
Nuko rero tuzohora tubatohoreza inkuru yose neza na neza kugira ngo impera n’imperuka abarundi bose bamenye umuco ku kintu cose.