Abirukanwe muri Tanzania baridogera abajejwe intwaro
V.M avuga ko yirukanwe inyuma y’imyaka ibiri yari amaze mw’ikambi y’impunzi muri Tanzaniya. Yemeza ko imbere y’uko yirukanwa, yakora ubuzi bubayabaye muri ico gihugu, kugira ashobore kuronka ibimutunga.
Uwo aheruka gushika mu gihugu c’Uburundi yemeza ko umunsi yirukanwa, abaporisi b’igihugu ca Tanzaniya bamutwaye amafaranga yari afise agera ku bihumbi amajana abiri vyo muri ico gihugu, bamutwara n’impuzu ziwe hamwe n’ama terefone ngendanwa.
Uwo murundi avuga ko yabanje n’ugupfungwa, agasaba ko abategetsi ba Tanzania boza barubahiriza agateka k’abanyamahanga, kuko nabo nyene bubahwa iyo bariko barangura imirimo itandukanye mu Burundi.
« Nk’uko nabo baza aha iwacu bakarondera, natwe nibatwubahe. Umunyarwanda ashitse mu Burundi nta kibazo, uwo muri Congo ni ukwo nyene. Ariko muri Tanzaniya uhashitse barareka ugakora, mu nyuma bagaca bakwagiriza ko uba muri ico gihugu utagira ivyangombwa. N’amahera waciye ntuyatahana iyo bakwirukanye. »
Abajejwe intwaro mu ntara ya Makamba, ahashikira abo barundi birukanwe bavuye muri Tanzaniya, avuga ko Uburundi na Tanzaniya ari ibihugu bifitaniye umubano mwiza, ahubwo ko abarundi birukanwa n’abavuga ko bafashwe nabi muri ico gihugu aba ari abafise amakosa.
« Nk’uko abantu bameze, naho aba yafatiwe kwiba ntabikubwira. Abagenda guhungabanya umutekano bavuye mu Burundi ntibabura, baragenda kwiba. Hariya ukuntu bameze, ukubiswe ntupfe uba ugize Imana. Usanga bakubitwa n’abanyagihugu babafashe mu mihana. », uko niko Laetitia NIYONKURU, Musitanteri wa Komine Mabanda yabishikirije.