Akagohe Dr Merlin Dusengumuremyi yavuniye Abarundi kuri uyu wa 08/05/17

Dukundire dusubire tukubwire yuko tugomba yuko igihugu cacu nawe kigira amahoro kuri bose, indyane zose zihagarare, haboneke ubutungane kuri bose, iterambere rirama n’amahoro y’umusesesekara kuri bose. Ivyiyumviro bishira ku moko, imiryango, intara, amadini nayandi macakubiri anyegeje ububisha mukarere bibe indengagihe.

Ninaco gituma twahaye intumbero iciyumviro c’Uburundi Bushasha bw’Isezerano. Umukuru w’iyo ( courant, mouvement) twita umuhari abadatahura neza bitiranya n’umugambwe bikabatera guhahamira ivyicaro vya politike n’anaronko, mbere bamwe bakiyumvira gusesa amaraso ya bene burundi kugira bironke inyungu zabo. Kubwacu ntaho twoba dutaniye n’abakoresha ububasha bw’igihugu mugutoteza, kwangaza no kwica abo bari bajejwe gukingira. Erega ivyo ntibiri mu Burundi gusa twese turabibona. Ivyo tubibankiye baca batwita amazina, bamwe bakivumbura mbere abandi bagahitamwo kwidigadiga muguteka inkubarujo biyitirira abisezerano.

Isezerano si iciyumviro c’akagwi k’abantu, ni umugambi w’Imana wo gusomora uburundi n’akarere. 

Abisezerano ni abarundi mbere n’abanyamahanga bemeye kugendana n’Imana kugira ngo bace aho iberetse kandi bakore ico ibabariye. Ni ihanga ry’Imana rishinze umuzi mugihugu c’uburundi, igihugu catoranijwe. Uvyemera utavyemera ntaco uhindura kuri ubwo bugombe bw’Imana. Akarere kose katagiye mumahoro ntituzoryama ngo dusinzire kuko niko yabisezeranye.

Abantu bo mukarere bamwe bamwe bitwaza ubwinshi abandi bakitwaza ubukehwa bwabo, mu moko no mumigambwe, mukurondera gukumirana, ukwangazanya no kwicana. Ubu utari intagondwa canke umunyamacakubiri ( extrémiste) bakwita icitso canke umuhemu (traitre) bagashaka kukugirira nabi mukugucafuza bakwambika iceyi (diabolisation) canke mukukwica mugabo ivyo ntibizoduca inkokora; ntituzohagarika kurondera ineza ya bose atanumwe avuyemwo ku neza canke vyansebikunze.

Mukarere dufise impahamu nyinshi, benshi bagendana ibikomere kumubiri no kumutima. Twabuze benshi bishwe muburyo imisozi nimyaba yuzuye amaraso y’abahungu n’abakobwa binzirakarengane. Benshi barashwiragijwe kuva imyaka n’iyindi kandi nubu bakiriko. Ntidushobora guhengamira kuri uyu canke uriya munkozi zibibi kubera ibishobosho (sentimentalisme) canke kubera inyungu izi canke ziriya, Imana ntiyobura kubiduhora.

Abakunda amahoro ya bose tuzojana muri urwo rugendo kuko turikumwe n’Imana ariko abashaka ibintu vyoroshe kandi binyaruka  bazohonya abantu kandi nabo nyene bazohona kuko burya inzira uhisemwo niyo igushikana iyo uja nabo murikumwe kandi uyobowe n’impumyi abasumbwa n’imboyongo kuko ajanwa mubuzimire. Mbwire gito canje gito c’uwundi cumvireho.

Niwumire kuco wabariwe kandi ntutinye gusemerera kuko impera yawe irahari kw’isi no mw’ijuru.

Ni dusangwe Imana Uburundi n’Isezerano.

Dr. Merlin Dusengumuremyi.