AMASENGESHO YO GUSENGERA   IGIHUGU CUBURUNDI YO KUWA GATATU 10/05/2017.   

AMASENGESHO YO GUSENGERA   IGIHUGU CUBURUNDI YO KUWA GATATU 10/05/2017.   

  Bene data , barundi , barundikazi namwe ncuti z’Uburundi namwe mwese mwiteze gutabarwa kuva k’Uwuhoraho yaremye Ijuru n’Isi aho muri hose haba mugihugu hagati canke hanze yaco shalom!

Turashimiye cane Umuremyi akongera akaba Umuzigamyi wacu kubona tugeze kuruyumusi tukiri mumwuka wabazima naho satani atabinezererwa . 

Dufashe kano kanya kugira twibukanye ko kumusi wagatatu igenekerezo rya 10/05/2017 dufise amasengesho nkuko twabisezeraniye Imana ko tuzohora tuza imbere yayo mugikorwa co gusengera Uburundi .

Amajambo yurufatiro tuzoyasoma mugitabu c’Imana Bibiliya mubice bikurikira : Ezekiyeli 12:1-6 , 2petero 3:8-10, Abaroma 8:24-25 .

Tuzosengera :

  1. Gusangangura ibicaniro vya satani biri mumitima yabari mwihanga ry ‘abisezerano aho bari hose bibatera kwivanga nukwiremamwo ibice .

 2. Gusaba Uwuhoraho yugururire amarembo abarongonzi b’ihanga aho baja hose mubikorwa Imana ibitangire imbere.

 3.Gusengera ibikorwa vyose biriko bikorwa nab’Isezerano kugira Imana yigaragaze murivyo .

 4.Tusongera abari mubibazo , abugarijwe nikiza c’inzara , abagorewe mumakambi y’impunzi , abapfunzwe, impfuvyi, abapfakazi hamwe n’abana bo mw’ibarabara .

Turangije tubashimira kukigoro muzogira murico gikorwa , musabwe nukubibwira nabandi bakunzi b’Uburundi tutoba turikumwe muri groupe kndi uwuzogira ico abwirwa nampwemu w’Imana azokimenyeshe abarongonzi nkuko muhora mubikora . Murakoze 

Bigiriwe I Bujumbura kw’igenekerezo rya 09/05/2017.

www . abisezerano. com