Kaze mw ijambo ry lmana harimwo imburi ikomeye idasanzwe mu mutima ndumva ko umuntu wese Yoba maso akihana, akezwa akitegura Neza nk ‘umuntu afise urubanza urakomeye rwavuba.
Ntansiguro nsigura ariko lmana yababaye cane nimuhindukire mwihane,
Mwatwenze abahanuzi abahanuzi benshi, lmana irihorera nubu nimutwenge, Abatwenze abahanuzi, mwese Akira ayamajambo, Zaburi, 89:35 lgihe kimwe narahiye ukwera ; Sinzobesha Dawidi;
EZEKIYELI 7:1-10
( imburi yo ku Bisirayeli ivuga k’ umuhero uri hafi)
Ijambo ry’ Uhoraho ryongera kunzako
2 riti Nawe, mwana w ‘umuntu, Uku ni k’ Umwami Uhoraho abarira igihugu c’Abisirayeli, at ‘ Umuhero! umuhero ushitse mu mpande zine z’ igihugu!
3 Noneh’umuhero ugushitseko, ngira nguteze uburake bwanje, ngucire urubanza ruhwanye n’ingeso zawe; kand ‘ ibizira vyawe vyose nzobigusubiriza ku mutwe.
4 Ijisho ryanje ntirizokuziguriza, kandi nta kagorwe nzogira : arikw ingeso zawe nzozigusubiriza ku mutwe, kandi’ ibizira vyawe bizokubonekako : ni ho uzomenya yuko jewe nd’Uhoraho.
5 Uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, at’ icago, icago c’ubugesera! Ehe kiraje!
6 Umuhero urashitse, Umuhero urashitse, urakuvundurukiye : eh’ uraje!
7 igihano cawe kiragushitseko, wewe wibera mu gihugu we! Igihe kirashitse, umusi uri hafi; n’ umusi wo kuvuza akaruru mu misozi, atar ‘uwo kuvuza impundu.
8 non’ Ubu mpava nkurekurirak ‘ ubushangashirwe bwanje, ngushitsek’ uburake bwanje, ngucire urubanza ruhwanye n’ ingeso zawe : kand’ ibizira vyawe vyose nzobigusubiriza ku mutwe.
9 Ijisho ryanje ntirizokuziguriza, kandi nta n’ akagongwe nzogira :ariko nzogusubiza ku mutwe ibihwanye n’ingeso zawe, kand’ibizira vyawe bizokubonekako; ni ho uzomenya yuko jewe Uhoraho, ari jewe mpana. 10 Ehe wa musi, nguyu uraje : igihano cawe kirashitse ; inkoni yabaye umusozo, ubwibone buratutuje.
Nashatse gusomera abatagira Bibiriya canke bifise ubunebwe bwo gusoma bibiriya, abasanzwe musoma murasoma hose EZEKIYELI 7:1-27.
Nariko ndasoma Bibiriya Yera, numva mpambirwa ngo mpanure Iyi mburi nari ndayimaranye indwi zitatu, ntanahamwe nari bwavuge ivy Iyi mburi, uy’ umusi le 8-5-2017 niho ngobewe kubusohora.
Hanahana Iyi mburi na ba Pagani mubahe basome, lmana ntibesha habesha abantu. Rungika muma Groupe Yose murimwo. Murakoze lmana ibampere umugisha wera kabisa ndabwanditse le 8-5-2017 isaha 18h 8