
Abadandaza imibiri yabo ntiborohewe mu gisagara ca bujumbura. Vyarapfuma kera ni ukuvuga mu minsi yahera igihugu kicifashe. Ubu aho haziye ubukene bwakamaramaza, umutekano muke, ibura ryigitoro nibindi, umwuga wabo warahomvye naho isoko ryabo ritugawe.
Leta y’uburundi nayo aho kurondera gutorera umuti ikibazo bafise ngo barabe uko bokwigishwa ngo basubizwe mubuzima busanzwe, yihutira kubapakira ibiduga bisanzwe ikabasubiza mu ntara bavukamwo za ruguru. Iyo Leta yibagira yuko atari imivyaro yibikumpu ica ishora imizi aho bayibaditse. Ni abantu bizanye mugisagara kandi bahafise incuti n’abagenzi. Uko babagugana ntibazomara kabiri niko bazoca bimanukana.
Iyo uri umuvuzi mwiza ntuvura ibimenyetso vy’indwara, uvura ibiyitera.