Patiri Adolphe NTAHONDEREYE yitavye Imana ahitanywe n’indwara.

Uwo musaseredoti wa Ekereziya Gaturika yitavye Imana mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu rishira uwa kane, akaba yahitanwe n’ingwara, nk’uko muri Diyoseze nkuru ya Bujumbura babishikirije.Uwo Musaseredoti yashitse avyimvye amaguru, kubera urugendo rurerure yafashe atambaye ibirato.

Patiri Adolphe NTAHONDEREYE yashikanwe ku rubibe rw’Uburundi na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, nayo iminsi yose 17 bamaze mu minwe y’ababanyuruje bakaba bayimaze baboshe ibitambara mu maso. Yashitse kandi avyimvye amaguru kubera urugendo rurerure yafashe n’amaguru masa, kuko bari bamutwaye ibirato yafashwe yambaye.

Uwo Musaseredoti yashitse avyimvye amaguru, kubera urugendo rurerure yafashe atambaye ibirato

Yari yafashwe kw’igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2017, mu gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho cakozwe ku modoka barimwo yunguruza abantu ibavanye mu gisagara ca Bujumbura. Iyo modoka yarashwe igeze hafi y’urubibe rugabura karitiye ya Kajaga na karitiye ya Gatumba.

Muri Diyoseze nkuru ya Bujumbura bamenyesha ko bakiranye umubabaro ntangere urwo rupfu rwa Patiri Adolphe NTAHONDEREYE yitavye Imana ahitanywe n’indwara.

Mu butumwa Diyoseze nkuru ya Bujumbura yasohoye, bagize bati : « Imana imwakire mu bwami bwayo. Turahojeje abasaserdoti ba Diyoseze nkuru ya Bujumbura, umuryango wiwe, incuti n’abagenzi. Imana imuhoze ububabare yahoramwo, imwambike urugori, imutera iteka yemereye abahevye ubuzima bwabo ku bwayo mu kwama bahereza Inkuka Nyeranda. Niwiruhukire mu mahoro ! »